Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Ukutipimisha indwara ya cancer kare bituma inganda (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : Ukutipimisha indwara ya cancer kare bituma inganda (...)

Burundi : Ukutipimisha indwara ya cancer kare bituma inganda zitikira.

jeudi 6 Munyonyo 2014

Mu Burundi indwara ya CANCER iri mu ndwara zihitana abantu benshi cane, kuko akenshi usanga abayirwaye bataja kwipimisha hakiri kare, nk’uko bivugwa na muganga Dominique Gacukuzi akorera mu bitaro BUMEREC, asanzwe yarakoze ivyigwa bijanye n’iyo ndwara mu gihugu ca Canada.

Kubwa muganga Gacukuzi, n’ubwo ibiharuro vy’abagwaye canke abahitwanywe n’iyo ndwara ata bihari muri kino gihe, biragaragara ko muri ino myaka 20 iheze abarwaye iyo ndwara bagiye bongerekana.

Muganga Gacukuzi avuga ko ababazwa n’ukuntu abarwayi b’indwara za cancer mu Burundi usanga bashitse kwa muganga baramaze gusinzikara, kandi iyo ndwara yari ikwiye gusuzumwa hakiri kare ikongera ikanavugwa hakiri kare kugira ntibandanye ikwiragira mu muntu.

Indwara ya Cancer rero isanzwe ifata ibice vyose vy’umubiri vyose, guhera ku rukoba, amaso, amafyigo, umutima, n’ibindi bice bigize umubiri w’umuntu. Mu gihe rero uducellules two mu mubiri dutanguye kugwirirana ata rutonde, ibice vy’umubiri bimwe bimwe bigatangura kuvyimba mu buryo budansazwe, aho umuntu aba yafashwe n’indwara ya cancer.

Muganga Gacukuzi ahimiriza abarundi kwijukira gusuzumisha iyo ndwara kuko mu gihe cose umuntu yumvise ikintu kitagenda neza mu mubiri ababara mu buryo budasanzwe kandi biba kenshi, akwiye guca aja kwisuzumisha kwa muganga.
Muganga Gacukuzi avuga ko atari ingorane y’amafaranga ituma abarundi batisuzumisha ahubwo bitumwa n’uko abarundi basanzwe bafata ibintu minenerwe. Uwo muganga abandanya asigura ko Uburundi bwohungukira ibitari bike mu gihe bwoshiraho ivyotuma, amategeko na cane cane, yo gukingira abakozi bose hamwe no gusuzuma buri igihe iyo ndwara ya Cancer.

Ariko rero, n’amategeko ntakwiye nk’uko abandanya abishikiriza, yibutsa umugambi wo gushiraho urucanco rukinga indwara ya Cancer y’igitereko mu Burundi mu mwaka w’ 2015 vyotuma ibitigiri vy’abahitanwa n’iyo ndwara bagabanuka. Mu gihe ivyo vyokorwa, Uburundi bwoba buteye intambwe co kimwe n’ibindi bihugu bisanzwe biri kumwe mu karere ka Afrika y’ubuseruko, nk’igihugu c’Urwanda, Tanzaniya hamwe n’igihugu ca Kenya.


Floxella karire

Messages

  • Nivyo abantu benshi barasinzikazwi na cancer kuko batamenya ko ari yo hakaba ata n’abaganga babinonosoye bahari cane cane hagati mugihugu.vyoba vyiza habaye isekeza rirwanya cancer muguhimiriza abanyagihugu kwipimisha cancer kandi leta ikaborohereza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.