Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi: Umunsi mpuzamakungu wahariwe ubuvuzi kama wahimbajwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi: Umunsi mpuzamakungu wahariwe ubuvuzi kama wahimbajwe

Burundi: Umunsi mpuzamakungu wahariwe ubuvuzi kama wahimbajwe

vendredi 6 Nyakanga 2013

Uburundi bwaramutse buhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ubuvuzi kama, icivugo c’uno mwaka akaba ari : " Ubushakashatsi n’iterambere m’ubuvuzi kama ". Ibirori vyo guhimbaza uwo munsi bikaba vyatangujwe n’ihayanishwa ry’imiti kama ivura indwara zitandukanye.

Ivyo birori kandi bikaba vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye, nk’uwaserukiye umuyobozi w’ishirahamwe mpuzamakungu OMS, uwaserukiye umishikiranganji bw’amagara y’abantu, uwaserukiye abavuza ibimiti kama, amashirahamwe akotesha imiti kama ariyo, Aguetrabu, Atraprabu, Eguebu, Atrahebu, la source na Dutezimbere Dukore. Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza ivyo birori, Rubeya Paul Claudel, yamenyesheje ko icivugo c’uno mwaka " Ubushakaskatsi n’iterambere ry’ubuvuzi kama" kije hageze mu gihe amategeko n’igenzura rikoreshwa mu buvuzi kama bwemererwa kwinjira kw’isoko mpuzaakungu, bisaba ubumenyi bukwiye bw’ibigo vyo gupima iyo miti, ivyo navyo bigasabwa kurikanura mu gukurikirana ingene iyo miti ihingurwa n’ingene ikoreshwa. Ivyo bigo nyene ku muti uwariwo wose, bitegerezwa kuwukorerako ivyirwa vyerekana ibiwugize, udupimo twawo n’ingaruka zishobora gushika kuwuwukoresheje.

Rubeya Paul yabandanije avuga ko hano mu gihugu cacu hari ubukene bw’ivyo bigo bishobora ivyo vyirwa ariko ko bukebuke bazobandanya gusaba abasanzwe bafasha mu vy’iterambere ry’igihugu kubashigikira. Girimana Donatien nawe, yaserukiye uwujejwe ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu ( OMS), yamenyesheje ko ishirahamwe OMS riraharura ubu, ibice 80 kwi 100 vy’abantu birukira ubuvuzi kama mu gace ka Afrika. Yagize ati: Ihimbazwa ry’imunsi mpuzamakungu wahariwe ubuvuzi kama muri Afrika ry’uno mwaka w’2013 riha akaryo abo vyega, na cane cane ama Leta, abahinga, abakoresha ubuvuzi kama, n’abajejwe gutunganya igisata c’amagara y’abantu, amashirahamwe ayaho yegamiye mu vya politike, abanyagihugu bose n’abasanzwe bashigikira igihugu mu bijanye n’iterambere, kwiga ukungene bokorera hamwe no kwegeraniriza uburyo bukwiye hamwe kugira hongerezwe ubumenyi mu bijanye n’ubuvuzi kama hamwe no kwongereza ibikoresho bishasha vy’imiti kama.

Tukabamenyesha ko mw’hayanishwa ry’imiti kama yerekanywe uno munsi, harimwo nk’umuti uvura indwara y’igisukari, amajigo, abarwaye ibisigo, abaraye inzoka n’ibindi. Bamwe mu bakoresha iyo miti ya kame bavuze ko mu bikorwa vyabo vyo kuvura bagifise ingorane z’ibikoresho zo kubika neza imiti, ingorane z’ubumenyi buteye imbere mu bijanye nivyo bakora n’ukungene ubushakashatsi bwo ngaha mu hihugu bukiri inyuma ugereranije n’ibindi bihugu. Basaba ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida ko bworushirizaho kubaba hafi kugira na ntaryo bame bahanahana ivyiyumviro, ku bijanye n’umwuga wo kuvura bakora n’ivyokorwa kugira batere imbere. Bagasaba kandi Leta uburyo bukwiye kugira bashobote kwiteza imbere.

Donatien Girimana yarangije ijambo ryiwe ry’uno munsi atera akamo ama Leta yose yo mu karere ka Afrika kurushirizaho gutanga uburyo bukwiye mu bushakashatsi n’iterambere ry’ubuvuzi kama. Ivyo bikazotuma haboneka inyishu nziza mbere n’urugezo rw’abakoresha imiti kama rukazokwongerezwa.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.