Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Zimwe mu ngorane abakenyezi bakunda guhura nazo igihe bituye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Burundi : Zimwe mu ngorane abakenyezi bakunda guhura nazo igihe bituye (...)

Burundi : Zimwe mu ngorane abakenyezi bakunda guhura nazo igihe bituye amavuriro

mercredi 19 Ruhuhuma 2014

Kutaronka akaryo ko kuvuga ingorane bafise, ukutamenya kw’abavuzi ku ngorane baba bafise ku bijenye n’amagara yabo, ukutakirwa neza kwa muganga canke ukutumvirizwa, ni zimwe mu ngorane abavyeyi bahura nazo igihe bituye amavuriro.

Ishure kaminuza INSP ryifatanije n’ishure kaminuza ry’i Kinshassa, babifashijwemwo na kaminuza y’i Amsteldam, ryatunganije icigwa mu ntumbero yo gutorera inyishu ku ngorane abakenyezi bahura nazo iyo bituye amavuriro. Muganga Prosper Niyongabo ari mu batanze icigwa akaba n’uwujejwe igisata c’ubushakashatsi kuri INSP, avuga ko mu matohoza yakozwe, basanze abakenyezi bahura n’ingorane zitari nke igihe bituye amavuriro. Kudatunganirizwa uko bari bavyipfuza, ukutavurwa bikwiye, kutitabwaho no kutamenya kw’abanganga ingorane abakenyezi babituye baba bafise, akaba ari bimwe mu ngorane basanze abo bakenyezi bahura nazo igihe bituye amavuriro.

Muri ico cirwa kigiye kumara imyaka ine gikorwa, gushiraho ibiganiro hagati y’abarwayi n’abavuzi akaba ari imwe mu nyishu zimaze gushikwako ku kibazo c’abakeneyezi bagira ingorane, igihe bituye amavuriro kugira amagara yabo atunganirizwe gusumba.
Mu Burundi, ico cigwa catanguye gukorerwa mu ntara ya Makamba na Kayanza. Mu bakenyezi bo muri izo ntara bamaze kugirwako amatohoza, bavuga ko mu ngorane ahanini bahura nazo igihe bituye amavuriro, ari ukutakirwa neza n’abavuzi, kutaronka umwanya wo kubaza ibibazo bijanye n’amagara yabo, hamwe no kutavurwa uko bari bavyiteze. Bagasaba abavuzi ko bohindura ingendo maze bakaza barabakira neza mu kubumviriza, no kubatunganiriza igihe cose babituye, hamwe no kuronswa ikibanza co kuza baravugiramwo ivyiyumviro baba baje bafise ku bijanye n’amagara yabo.

Muganga Prosper Niyongabo ahamagarira abajejwe amavuriro bose, gushiraho ibisata vyo kwumvikanisha abarwayi n’abavuzi ku mavuriro barongoye, kugira amagara y’abakenyezi arushirizeho gutera imbere. Mwomenya ko ico cirwa cerekeye kandi gutorera inyishu ingorane abakenyezi bahura nazo, igihe bituye ubuvuzi, kiriko gikorwa mu Burundi hamwe no muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.