Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bururi : Ibura ry’igitoro ryakweze ikena ry’amaraso - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Bururi : Ibura ry’igitoro ryakweze ikena ry’amaraso

Bururi : Ibura ry’igitoro ryakweze ikena ry’amaraso

vendredi 20 Ntwarante 2015

Ibura ry’igitoro mu ntara ya Bururi, ryatumye haba ikena ry’amaraso bitumwe n’uko ikigo gisanzwe kijejwe kwegeranya amaraso, cabuze igitoro.

Ibura ry’igitoro rero rimaze iminsi ryibonekeza mu gisagara ca Bujumbura, rikaba ryaciye ritandukira n’intara zitandukanye. Mu ntara ya Bururi, bakavuga ko ahasanzwe hatanga igitoro hose, humye, atawucirirwa arajayo kukirondera. Ubuyobozi bw’ikigo kijejwe kwegeranya amaraso mu ntara ya Bururi rero, bukaba busaba abanyagihugu bo mu micungararo, kubandanya bakora ineza, mu kurokora ubuzima bw’abandi, mu gutanga amaraso, kuko kubera ibura ry’igitoro, babuze uko bashika hagati mu makomine kwegeranya amaraso.

Ariko naho ubwo bukene bwibonekeza muri iyo ntara, mw’ijoro ryo ku wa gatatu, ushira uwakane igenekerezo rya 18 Ntwarante, hakaba hafashwe amaritiro agera kuri 630 y’igitoro ari mu bibido, kuri station ya Karonda, muri komine ya Rumonge. Ico gitoro, kikaba cafashwe n’abanyagihugu bafashanije n’igiporisi. Ariko rero nyene iyo station, akaba arahira ko ico gitoro batari bakinyegeje, ahubwo akavuga ko bari bakidandaje kubarovyi, ku mafaranga 1910 kw’iritiro.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.