Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bururi: Umwimbu wifashe neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Bururi: Umwimbu wifashe neza

Bururi: Umwimbu wifashe neza

mercredi 28 Myandagaro 2013

Umwimbu wagenze neza mu ntara ya Bururi nk’uko bivurwa n’uwurongoye uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara. Intara ya Bururi isanzwe igizwe n’intara kama zitandukanye, n’uburimyi usanga bwisunga igihen n’intara kama iba irimwo.

Muri uyu mwaka, intara ya Bururi ntangorane yagize bujanye n’umwimbu. Umuyobozi w’uburumyi n’ubworozi muri iyo ntara ya Bururi Bernard Habonimana, avuga ko umwimbu wagenze neza mu ntara kama za Bututsi, Imbo, Mumirwa no mu mugamba. Abarimyi rero bararonse umwimbu ukwiriye mu bihe bibiri vy’irima.
Habonimana avuga ko Leta ifasha cane mu bijanye n’umwimbu kuko yatanze umwavu, ndetse n’uwundi wibitungwa urabafasha. Ikindi ni abigisha b’indimo barwijwe muri iyo ntara, bafasha mu kwigisha abo barimyi.

Ariko rero naho biri ukwo, Bernard Habonimana avuga ko abanyagihugu bidoga ko abo bahinga b’indimo badakora cane. Kuri ico rero ubuyobozi bw’uburimyi n’ubworozi ntiburera amaboko kuko umwigisha w’indimo atunzwe agatoke n’abanyagihugu aheza agakurikiranwa vuba bwango, agahanwa. Muri iyo ntara rero, abanyagihugu basanzwe barima cane umuceri, imyumbati, ibigori, ibiraya, ibiharage, ibigazi, icayi n’ibitoke


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.