Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cancer irageramiye abanyamwema - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Cancer irageramiye abanyamwema

Cancer irageramiye abanyamwema

mardi 5 Ntwarante 2013

Ishirahamwe ry’abanyamwema batagira imbibe Albinos sans Frontiers rimenyesha ko abanyanmwema 4 bishwe n’ingwara ya Cancer mu mwaka uheze. Ubu naho ngo abarenga 10 bari kumusego. Iryo shirahamwe risaba ko bosronswa imiti ku buntu.

Kazungu Cassim arongoye ishirahamwe ry’abanyamwena batagira imbibe mu Burundi Albinos Sans Frontieres amenyesha ko ingwara ya Cancer igeramiye abanyamwema kubera urukoba rwabo. Avuga ko bafise umubiri wanduran’ingoga iyo ngwara ya Cancer kandi ngo kuyikingira si icoroshe. Ngo bitumwa n’uko izuba rishikira n’ingoga imitsi y’umubiri kubera atabushobozi umubiri ufise wo guhagarika imishwarara y’izuba.

Mu cigwa iryo shirahamwe ryakoze mu gihugu cose mu mwaka uheze, ngo ryasanze abanyamwema 4 barishwe niyo ngwara ya Cancer, abandi barenga 10 ubu ngo bari kumusego kubera iyo ngwara ya Cancer kandi ngo harimwo abaremvye cane. Ikibabaje ngo n’uko bataronka imiti ikwiye yo kwikingira canke kuvura.

Kazungu Cassim ameyesha ko iyo ngwaya yaje gusongera isibe kuko abanyamwema bari bamaze igihe babangamiwe n’abagizi ba nabi babica kugira baje kugurisha amagufa yabo cane cane mu gihugu ca Tanzaniya kubera imiti y’ibintazi.

Kuva mu mwaka w’2008 abanyamwema bagera kuri 18 baramaze kwicwa, bamwe mubagirizwa ico caha barafunzwe. Abandi nabo barakatiwe ivyaha bitandukanye, hariho mbere n’abandi bakekwako icaha co kwica abanyamwema bamaze guhunga bavuye mu mabohero. Aho ubwo bwicanyi bwari bukaze ni mu ntara za Ruyigi, Cankuzo na Karuzi mu buseruko bw’igihugu.

Uwo arongoye ishirahamwe ry’abanyamwema batagira imbibe asaba Reta ko yofata ko abanyamwema aria bantu bo kwitabwahokurusha abandi. Kazungu Cassim avuga cane cane ko Reta yobafasha bakivuza kubuntu n’imiti ya Cancer bakayironka ku buntu.

Ikindi basaba abagira neza n’ukuronswa inkofero zo kwikingira izuba, amarori akingira imishwarara y’izuba, amavuta n’imiti yo kwisiga kurukoba n’indi.

Basaba kandi gukingirwa kugira ntihagire abagizi ba nabi basubira kubahiga buhongo. Abafashwe nabo bagirizwa ico caha bagahanwa hisunzwe amategeko. Aho ni mugihe mu ntara ya Ruyigi abanyamwema bose begeranirijwe ku mirwa mikuru y’amakomine kugira bakingirwe. Ariko ahpo bari ngo barugarijwe n’inzara kuko ata mfashanyo baronka.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.