Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Catherine Ndamama: " Imiti kama ikenewe mu kuvura indwara zimwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Catherine Ndamama: " Imiti kama ikenewe mu kuvura indwara zimwe (...)

Catherine Ndamama: " Imiti kama ikenewe mu kuvura indwara zimwe zimwe"

lundi 9 Nyakanga 2013

Ubuvuzi bw’imiti kama buratanguye gutera imbere mu Burundi. Bamwe mu bayikoresha baramaze kuja hamwe bagashinga amashirahamwe, abandi nabo baracakorera mu kinyegero.

Gatarina Ndamama, numwe mubamaze kuja mumashirahamwe adandaza imiti y’ ikirundi, akaba n’umukuru w’ishirahamwe "La source’’, aho atanga ingaburo z’abana, no ku bakenyezi bibungenze be n’abonsa. Aremeza ko ingaburo atanga kuri iyo mice yabo bantu asanswe ayiha, zigira akamaro kanini iyo bazifashe. Umukuru w’iryo shirahamwe "La source", yamenyesheje ko yise ishiramwe arongoye iryo zina kubera yemeza neza ko n’imiti y’ikizungu ifise ifise inkomoko, canke ikorwa mu miti kama. Ati:" Nkiri muto, naraherekeza mawe mw’ishamba kwaha ivyatsi, dushitse muhira agaca abihingura bikavamwo umuti w’ingaburo".

Amaze kuba nyina w’abana, harageze igihe abana biwe baza baragwaragurika, aca yibuka ko nyina yaza aramutwara kwaha ivyatsi vyo guhinguramwo iimiti yo kubavura, ari naho yaca afata ingingo yo kubikora kugira nawe aze aravura. Ndamama yamenyesheje ko imiti yakora, yayitegura nk’ifu yo kurigata canke umunyota, mu mababi be mu mazi yo kunywa. Iyo miti nayo ikora, akaba ari iy’abana, abakenyezi bibungenze n’abonsa, abantu bageze mu zabukuru n’abakunda kugira ibizunguzungu.

Ati: " Abo bose iyo banyoye imiti ndabahaye, baca bagira akayabagu kurusha ubwa mbere, kubakenyezi bibungenze nta seseme basubira kugira, abana basanzwe bafise ingorane zo gufungura nabi, barunguka ibiro, eka mbere bigafasha na barya bakenyezi badafungura neza inyuma yo kwibaruka.

Yahamagariye abandi bavuza imiti kame bagikorera mu mpisho, kuja mu mashirahamwe kugira barate ibirwa vyabo vyabo bongere bamenyekane kurusha.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.