Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chris Brown yagarukiye iyo rwotera izuba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Chris Brown yagarukiye iyo rwotera izuba

Chris Brown yagarukiye iyo rwotera izuba

lundi 12 Nzero 2015

Igiteramo ca Chris Brown i San Jose cahagaritswe n’abagizi ba nabi bateye bakarasa n’abantu bagakomereka cane.

Uwo muririmvyi yagarukiye iyo rwotera izuba, mu gihe igiteramo cari cashushe mu nzu y’ubutambiro iri San Jose. Chris Brown ariko aririmba ururirimbo rwiwe rukunzwe cane, arirwo "Loyal", imbere y’abantu isinzi bari bitavye igiteramo, niho urwamo rw’amasase rwumvikana hagati mu bakunzi biwe bitavye igiteramo. Abari aho bose batanguye gucanacanako bahunga, n’ubwoba bwinshi, eka n’uwo muririmvyi yaciye yiruka ava mu ku ruhimbi (Stage).

Bivugwa ko abo bantu barashe barondera Chris Brown, ariko ntibamugema, abagera kuri batanu barakomeretse cane, baca banyarukanwa kwa muganga. Igiteramo co kw’igenekerezo rya 11 Nzero caciye kigarukira ngaho

Igitangaje n’uko gushika n’ubu atawuramenya abo bagizi ba nabi, nayo abajejwe umutekano bariko bagira amatohoza.

Raba aha munsi uko igitero cagenze n’ukuntu abantu bahunga n’ubwoba bwinshi kubera ifirimbi yariko ibagabisha.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.