Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke : Igiterwa gishasha c’ibitoke kirinda indwara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Cibitoke : Igiterwa gishasha c’ibitoke kirinda indwara

Cibitoke : Igiterwa gishasha c’ibitoke kirinda indwara

mercredi 9 Ndamukiza 2014

Igiterwa c’ibitoke, ni igiterwa gitunze imiryango myinshi mu Burundi, ku buryo imbere y’umwaka w’2008 kitarafatwa n’indwara mu ntara zimwe zimw,e himburwa amatoni angana n’1 600 000.

Igiterwa c’ibitoke kikaba ari igiterwa gitunze benshi mu ngo zitandukanye z’igihugu c’Uburundi, gusumba ndetse n’imyumbati canke umuceri. Ku bwa Niyongere Celestin umuyobozi w’ibiterwa vy’ivyamwa n’imboga muri ISABU, avuga ko hari indwara zitandukanye zifata ibitoke, izo nazo akaba ari banana xyanthomonas wilt, banana bunchy top virus, bunchy top du bananier, fusariose hamwe n’udukoko tubirya, izo ndwara akaba ari nazo zatumye umwimbu ugabanuka. Turetse intara nka Kayanza, Mwaro na Muramvya zitigeze zifatwa n’indara ya xyanthomonas wilt, izindi zose zararwaye iyo ndwara, nk’uko uyo muyobozi abandanya abivuga.

Uyo muyobozi muri ISABU akavuga ko nko mu ntara ya Cibitoke, hatewe ibitoke bishobora kurinda indwara ziterwa n’ubukoko. Ico gitoke citwa Yagambi kiva mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, kikaba gishobora kwama kandi carinze indwara. Asaba abanyagihugu gukurikirana cane imirima yabo, kugira hagize igiterwa gifatwa n’akagorane ako ariko kose, bace babivuga hakiri kare mu gisata kijejwe uburimyi, mu ntumbero yo gukingira ingorane ibiterwa vyabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • ubu kamatora yegereje baratuzanira ibitoke babiduhendesheko twarabahinyuye.nibanze bara ukuntu uryamurworwa ashora akabido kurwarwa kamwe bakamutozaho ikori ataritanze agahirwa nkumumenja politike yukubesha ndayanse nibahende abobahenda jewe sindimwo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.