Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNTS : Itangwa ry’amaraso ryoba ryifashe gute mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > CNTS : Itangwa ry’amaraso ryoba ryifashe gute mu Burundi

CNTS : Itangwa ry’amaraso ryoba ryifashe gute mu Burundi

vendredi 4 Gitugutu 2013

Mu Burundi, igikorwa co gutororokanya amaraso cashinzwe ikigo CNTS (Centre National de Transfusion Sanguine), ikigo catanguye gukora mu mwaka w’1993. Ico kigo kibifashwamwo n’ibindi bigo CRTS (Centre Regional de Transfusion Sanguine) biri mu ntara zimwe zimwe zo hagati mu gihugu nka Gitega, Cibitoke, Ngozi na Bururi.

Ikinyamakuru IGIHE kikaba cagendeye ikigo CNTS kuri uyu wa gatanu wa 4 Gitugutu 2013, kugira cirabire ibikorwa vyo gutanga amaraso uko bigenda. Muganga Lydie Ndorere, umuyobozi w’ico kigo akaba yatanze umuco ku bikorwa bijanye n’itangwa ry’amaraso mu Burundi.
"Ugutanga amaraso ni igikorwa gikorwa ku gushaka kw’umuntu, ata gahato kagiyemwo. Kugira umuntu ayatange, n’uko aba yahimirijwe, akumva ko ashobora gukiza ubuzima bw’uwundi muntu atanze amaraso yiwe".

Ikigo CTNS cama gihimiriza abantu haba ku mashure, mumasengero, mu makambi y’igisoda hamwe n’ay’igipolisi k botanga amaraso kugira bakize ubuzima bw’ababa bayabuze. Ico kigo kirashima ahanini uburyo abatari bake bitabira ibikorwa vyo kuyatanga kugushaka kwabo n’aho bishika akagabanuka mu bihe vy’uburuhuko ku banyeshure.
Ukwo gutangwa kw’amaraso ku bwinshi, kugatuma igitigiri gisabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, ku bihugu biri mu nzira y’iterambere gishikwako. Ishirahamwe OMS (Organisation Mondiale de la Santé) rikaba risaba ko hoba n’imiburiburi abantu 10 ku 1000 botanga amaraso ku mwaka. Uburundi bukaba bugeze ku gitigiri kingana na 5 n’igice, igitigiri cerekana ko Uburundi bwateye intambwe mu gutanga amaraso, ugereranije n’imyaka iheze. Aho mukamenya ko mu mwaka w’2007, igitigiri c’abatanga cari kuri 4 n’ibice 2 ku dufuko tw’amaraso tugera ku 20 369. Mu mwaka w’i 2012, ico gitigiri caraduze kija kuri 5 n’ibice 41 ku dufuko tw’amaraso tugera ku 43 737. Ikigo CNTS kikaba gishimishwa n’intambwe iguma ihaba ku mwaka ku mwaka.

JPEG - 32.8 ko
Muganga Lydie Ndorere, umuyobozi w’ikigo CNTS

Kubijanye n’imigwi y’amaraso ahari (A, B, AB, na O) n’ingene atangishwa, muganga Lydie Ndorere yamenyesheje ko abarundi benshi bari mu murwi wa O (positif) kandi ko kuri uyo murwi atangorane y’ubukene bwayo ikunda kwibonekeza hagize nk’uwuyabura. Kubari mu mirwi nayo y’amaraso ikunda gukena nka O (négatif) na A (négatif), muganga Lydie Ndorere yamenyesheje ko hamaze gutorwa uburyo bwo kwikingira kugira uwuyakeneye ntayabure. Agahumuriza aboba bari muri iyo mirwi abamenyesha ko hari udufuko tw’amaraso turi mu bubiko bikorako mugutabara abayakenye. Mu gihe ayari mu bubiko yohera naho, hari abantu basanzwe bafise iyo mirwi y’amaraso biyemeje kwama bayatanga kugushaka kwabo igihe mu bubiko aheze.

Kubibaza naho ko udufuko tw’amaraso twoba tugurishwa ku barwayi kandi bayatanga ku buntu, Muganga Lydie Ndorere yaratanze umuco kuri ivyo, avuga ko adufuko tw’amaraso twoba dutangwa nko ku buntu mu Burundi, kubera hakugurishwa amadorari 100 asanzwe agurishwako ku masoko mpuzamakungu, ikigo CNTS kiyatanga ku mafaranga 5000 gusa y’amarundi.

Muti none hasabwa iki kugira umuntu avyipfuza atange amaraso?

Ku bisanzwe, kugira umuntu atangange amaraso, n’uko aba akwije ibisabwa kugura ayatange. Ishirahamwe OMS risaba ko uwuje kuyatanga aba afise ibifise imyaka 18, akagira n’imiburiburi ibiro 50, kuba ufise amagara meza. Abatarekuriwe nabo kuyatanga ni nk’abakenyezi bonsa, abari mu butinyanka n’abibungeze. Abantu banywa inzoga n’itabi canke baranguye amabanga mpuzabitsina batikingiye, eka mbere n’abafise amaraso yanduye ntibemerewe kuyatanga.

Muganga Lydie Ndorere yahanuye abantu kwama bisuzumishije ko atangorane y’ubukene bw’amaraso boba bafise imbere yo gutanga amaraso.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.