Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kinindo: Croix Rouge yatanguje ivuriro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kinindo: Croix Rouge yatanguje ivuriro

Kinindo: Croix Rouge yatanguje ivuriro

jeudi 25 Ndamukiza 2013

Mu rukurikirane rw’ihimbazwa ry’imyaka mirongo itanu bafasha abanyagihugu mu bikorwa bitandukanye, ishirahamwe Croix Rouge ryaruguruye icese kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Ndamukiza umwaka w’2013, muri komine Kinindo ivuriro rifise n’uburaro mirongo ibiri na bune.

Nk’uko twabibwiwe na Muganga Jean Darcy Mikaza, iryo vuriroro ryubatswe na Croix Rouge mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu bo muri iyo komine n’izihegereye kuko ata vuriro rya Leta ryari risanzwe aho muri iyo komine ya Kinindo. Croix Rouge ikaba ikorana na Leta mu kwitaho abanyagihugu muri rusangi.

JPEG - 43 ko

Ku kibazo c’uko iryo vuriro ritagutse, bavuga ko nabo babizi kandi ko biteguriye ko bibaye ngombwa bazoryagura kugirango intumbero yo gufasha abanyagihugu batishoboye bayishikeko.

Kuri ivyo bitaro « Centre Medico Croux Rouge » vyaraye vyuguruwe icese muri komine Kinindo, hari abaganga babiri baba generalistes naho biboneka ko badakwiye, ariko bakaba bazongerwa bivanye n’uburyo bazobona ko abarwayi babaye benshi.

Abarongozi b’iryo vuriro bamenyesha ko uyu mwaka w’2013 Croix Rouge y’i Burundi yawuhariye isabukuru y’imyaka mirongo itanu imaze ikorera mu Burundi , muri uyu mwaka bakaba bari gukora ibikorwa vyo kuraba ivyashitsweko, bakanabandanya gufasha abanyagihugu. Uku kwezi kwa Ndamukiza nikwo kwafashwe muri uyu mwaka nk’ukurongoye ibikorwa vyose bijanye n’iryo sabukuru.

JPEG - 41.8 ko
JPEG - 43.1 ko

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.