Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyagihugu bahawe inomero bohamagarako ku buntu bikanze uwafashwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abanyagihugu bahawe inomero bohamagarako ku buntu bikanze uwafashwe na (...)

Abanyagihugu bahawe inomero bohamagarako ku buntu bikanze uwafashwe na Ebola

mercredi 24 Kigarama 2014

Inyuma yaho bigaragariye ko ikiza ca Ebola kidatoranya urukoba rw’umuntu canke igihugu akomokamwo, Reta y’uburundi ibicishije mu gisata c’amagara y’abantu, yarafashe ingingo zo kuzitira itaronerwa. Ubwo bushikiranganji bwatanguje inomero itariha abanyagihugu bashobora gutabarizako babonye uwufise ibimenyetso vy’iyo ndwara.

Indwara ya Ebola, ni imwe mu biza bisinzikaza ningonga kandi vyica nabi. Ibihugu vyo mu mugabane wa Afrika yo hagati no mu burungero, ico kiza kikaba carigize kayobera bahinga gushika ubu.
Naho mu gihugu c’Uburundi ata kimenyetso na kimwe cerekerana aboba bafashwe n’ikiza ca Ebola, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bwarahagurukiye ico kiza. Reta y’Uburundi ikaba nayo yahisemwo kwitaba akamo katewe n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS mu gufata ingingo zikingira abanyagihugu ikiza ca Ebola.

Mw’ijambo ryo gutanguza kuri uwu wa kabiri iyo nomero nshasha itariha, nk’uko biri mu mugambi "Plan de contingence" wo kurwanya ikiza ca Ebola, nk’uko vyasabwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, muganga Liboire Ngirigi, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, yamenyesheje ko hashinzeho inomero 117 bise "Numero vert" umuntu azoshobora kwakurako atarishe. Iyo nomero 117 yashinzeho ikazofasha umunyagihugu wese mu kubaza ibijanye n’ikiza Ebola canke mu gutabaza mu gihe agize amakenga ku bimenyetso abonye.

Muganga Liboire Ngirigi akaba yamenyesheje ko iyo nomero 117 yatanguye gukora, haba abari mu muhora wa Leo, Econet, Onamob canke Smart. Mu minsi iri mbere, n’abari mu mihora ya Tempo Africel na Onatel fixe bakazoshobora nabo kwakura vyoroshe bakoresheje iyo mihora.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukaba bwahumurije abanyagihugu ko Reta y’Uburundi iriko irakora ibishoboka vyose kugira ico kiza nticinjire mu Burundi, bagasaba abanyagihugu gutabaza mu gihe bobona uwufise ibimenyetso vy’iyo ngwara.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.