Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ebola: Ibitigiri vy’abandura vyaduze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ebola: Ibitigiri vy’abandura vyaduze

Ebola: Ibitigiri vy’abandura vyaduze

vendredi 6 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Igitigiri c’abantu bafatwa n’ikiza Ebola carasubiye kuduga mu bihugu bitatu bisinzikajwe n’ico kiza mu Burengero bwa Afrika mu ndwi ya nyuma y’ukwezi kwa mbere, nk’uko vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba amagara y’abantu OMS.

Nibwo bwa mbere ibitigiri vyiyongeye mu 2015, ivyo bikaba bije guca inkokora mu gihe vyari bigize igihe biguma bigabanuka. OMS ivuga ko Sierra Leone ariho hari 80 kw’i 124 bashasha bafashwe n’iyo ndwara, muri Guinee ni 39 naho muri Liberia akaba ari 5.

Hafi abantu 9.000 baramaze guhitanwa na Ebola kuva mu kwa Kigarama umwaka w’2013. Muganga David Nabarro, intumwa idasanzwe ya ONU kuri ico kibazo ca Ebola, yavuze ko ukwo kwiyongera kw’abafatwa na Ebola guteye amakenga ariko avuga ko bari bazi ko bishobora gushika. yavuze ati ’’turi mu nzira nziza, ikiza kiriko kiragabanuka,ariko dutegerezwa kuguma tugavye kuko haracariho uturere aho abantu bakibandanya kwandura’’.

Tubibutse ko ata n’indwi yari ihaciye OMS itangaje indwi ya mbere yayo y’igitigiri kiri hasi cane kuva muri Ruheshi mu 2014, bikaba vyari vyatumye haba icizere ko urugamba rwo kurwanya Ebola rushobora kuba rwashitse aho rutagisubira inyuma.
Bivugwa ko guhamba abahitanywe n’iyo ndwara mu buryo budakingiye neza bishobora kuba ari vyo vyatumye hari abandi bantu bandura.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.