Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikiza ca Ebola ntikiratuzwa naho ibiharuro vyagabanutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ikiza ca Ebola ntikiratuzwa naho ibiharuro vyagabanutse

Ikiza ca Ebola ntikiratuzwa naho ibiharuro vyagabanutse

samedi 31 Nzero 2015, par IGIHE

Ikiza Ebola n’ubu ntikirashobora gutuzwa burundu n’ubwo ibitigiri vy’abafatwa bisa n’ivyagabanutse nk’uko bimenyeshwa n’umuryango mpuzamakungu utabara imbabare Croix Rouge (Fédération internationale de la croix rouge)

Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uno wa gatanu, umuryango wa Croix Rouge, ishirahamwe mpuzamakungu riraba amagara y’abantu OMS, ishirahamwe ry’abanyaburaya, ibanki ya Afrika ijejwe iterambere, hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesha ko n’ubu urugamba rwo kurwanya ikiza Ebola rutararangira.

Ayo mashirahamwe akaba yiyemeje kubandanya urugamba rwo gukorera hamwe kugira batuze ico kiza burundu. Abamaze kwandura ico kiza bakaba bagera ku bihumbi mirongo ibiri na bibiri na mirongo icenda na babiri, abo cahitanye nabo bakaba bangana n’ibihumbi umunani n’amajana umunani na cumi, abo nabo ibitigiri binini bikaba ari ivyo abo mu turere twa Afrika y’uburengero, nk’uko biri mu cegeranyo giherutse gusohorwa n’ishirahamwe OMS.

Ni irya mbere kuva mu kwezi kwa Ruheshi umwaka w’2014, habonetse abantu banduye ico kiza bari munsi y’ibitigiri ijana mu bihugu bitatu bisanzwe vyarakozweko cane n’ico kiza . Abo nabo abafashwe muri Guinée ni mirongo itatu (30), bane (4) muri Liberia, hamwe na mirongo itandatu na batanu (65) muri Sierra Léone.

Mu gihe rero ico kiza cobandanya kigabanuka ku murindi kiriko muri kino gihe, mu kwezi kwa gatanu gishobora kuba casenzwe burundu. Ariko rero ngo ntaworyama ngwasinzire kuko batameze magabo gishobora gusubira kwiha inkumbi ku rundi rugero.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.