Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ebola : ONU nta buryo bukwiye ifise bwo kurwanya ico kiza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ebola : ONU nta buryo bukwiye ifise bwo kurwanya ico kiza

Ebola : ONU nta buryo bukwiye ifise bwo kurwanya ico kiza

jeudi 6 Munyonyo 2014

Intumwa ya ONU ijejwe kurwanya ikiza ca Ebola muri Afrika y’Uburengero, Tony Banbury, avuga ko ONU itagira uburyo bwo kurwanya ico kiza ca Ebola.

Tony Banbury yavuze ko izindi mfashanyo zikenewe vyihutirwa n’ubwo intererano zitari nke zatanzwe n’Ubwongereza, Ubushinwa, Cuba na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, nk’uko amakuru dukura kw’iradiyo y’abongereza BBC abivuga.

Ariko iyo ntumwa yizigiye ko ashobora gushika ku mugambi yihaye wo kuronka ibice 70 kw’ijana ry’ibitanda bikenewe ku bafashwe bashasha na 70 kw’ijana y’abahambwa mu buryo budashobora kugira ingaruka iyariyo yose. Ubu igitigiri c’abamaze guhitanwa n’ico kiza bigeze ku bantu 4.818 nk’uko bivugwa n’ishami rya ONU riraba amagara y’abantu kw’isi (OMS). Ivyo bitigiri biri hasi y’ivyo OMS yari yaratangaje kuwa gatanu uheze, kuko yahinduye ingene ivyo biharuro bigenda biraterateranywa.

Ariko uwo aserukira ONU yavuze ko mu bihugu bisinzikajwe cane n’ico kiza, nka Libéria, Sierra Léone na Guinée, iyo ndwara iguma ikwiragira cane, cane cane ku mirwa mikuru.


Floxella karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.