Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Espagne : Ibitaro biriko birapimira ku bantu urucanco rukinga umugera wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Espagne : Ibitaro biriko birapimira ku bantu urucanco rukinga umugera wa (...)

Espagne : Ibitaro biriko birapimira ku bantu urucanco rukinga umugera wa SIDA

mercredi 11 Kigarama 2013

Ibitaro vyo mu gisagara ca Barcelone vyifadikanije n’ibitaro bindi biri mu bihugu nka Espagne, Pays-Bas n’Ububirirgi biriko birapimira ku bantu, urucanco rukinga umugera wa SIDA. Ni urucanco ruzokwica burundu umugera wa SIDA kubasanzwe bawugendana.

Ivyo bikorwa vyo gupima ku bantu urucanco rukinga umugera wa SIDA ku basanzwe bawugendana bikaba vyatanguye kuri uyu wa mbere wa 9 Kigarama 2013, bigakorwa n’abaganga bo mu gisata ca IDIBAPS (Institut d’Investigations Biomédiques August Pii Sunyer), muri Barcelone. Ni ibikorwa vyatwaye amafaranga agera ku miriyoni 6000 vy’amafaranga y’amanyaburaya.

Josep Maria Gatell, umuyobozi w’igisata kiraba ivy’indwara zandukira kuri ivyo bitaro, amenyesha ko intumbero ari uko boshika kugukira burundu kw’indwara iterwa n’umugera wa SIDA. Ivyo navyo bikazotuma basuzumira hafi abagendana umugera wa SIDA batarinze kubaha imiti yo gupfupfahaza.
Nk’uko bisigurwa n’umuyobozi w’uwo mugambi, Felipe Garcia, umugambi wo gukinga umugera wa SIDA hakoresheje urucanco, ni umugambi mushasha mu bijanye n’ubushakashatsi. Felipe Garcia avuga ko urwo rucanco nirwakora nk’uko vyari biteguwe, ruzoca rutangura kugurishwa kubavyipfuza bose.

Urucanco rukinga umugera wa SIDA rwiswe VIH-TriMix-ARNm, urucanco ruri mu buhinga buteye imbere gusumba urwo bari berekanye mu kwezi kwa Nzero 2013, kuko urwo rwa mbere rwagabanya gusa imigera ya SIDA ku bice 90 kw’ijana.
Urucanco VIH-TriMix-ARNm rukozwe mu mice ibiri: muvyo bita ama antigene y’umugera VIH hamwe na TriMix imaze no gukoreshwa mu gukinga indwara ya cancer.

Mwomenya ko abashakashatsi bo kuri ivyo bitaro vyo muri Barcelona bari bamaze gupimira urwo rucanco rukinga umugera wa SIDA ku bikoko, ubu bakaba barindiriye inyishu z’ivyakozwe ku vyirwa vy’abantu. Mu gihe ubwo bushakashatsi buriko burakorwa bwoshika kuvyo bipfuza, hagati y’umwaka w’2016 n’2017, ivyo bigo uko ari bitanu bisanzwe biri mu bihugu bitandukanye, bizoca bipima umurwi w’abantu bagendana umugera wa SIDA bagera kuri 40 hamwe n’iyindi mirwi ibiri y’abantu bazoguma bacungera uko amagara yabo yifashe, umurwi ugizwe n’abantu 15.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.