IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Festicab > Festicab 2015: Menya amareresi n’abakinyi babaye aba mbere

Festicab 2015: Menya amareresi n’abakinyi babaye aba mbere

mercredi 6 Rusama 2015

Isabukuru ry’amareresi mu Burundi Festicab ryasohoye icegeranyo c’amareresi yabaye aya mbere kuri iyi ncuro y’i 7 y’iryo sabukuru. Amareresi, abayategura hamwe n’abakinyi bahawe amanota bivuye ku rwego barimwo.

Ku rwego rw’igihugu(Categorie Nationale):

Joseph NDAYISENGA ku bw’ireresi yiwe "The SPRINGBOARD" yatowe nk’ireresi ya mbere yo mu bwoko bwa "documentaire" kandi yongera itorwa n’umurwi utanga amanota(Jury) mu vyo bita "Mention spéciale du jury documentaire". Joseph NDAYISENGA yatowe kubera iyo reresi ikozwe neza kandi itanga icizere ku rwaruka rw’Uburundi. Muri urwo rwego nyene, Landry KADIGIRI yaronse ikibanza ca kabiri kw’ireresi ngufi(Court- Metrage) yise "LES CLES DU SAVOIR".

Umukinyi wa mbere mu bahungu yabaye Arthur BARANSHAYEKO mw’ireresi "APRES LA PLUIE" ya Guy-Xavier NSENGIYUMVA na Jean-Richard NIYONGABO. Ku ruhande rw’abakobwa, Zilfa MUTONI mw’ireresi "CHAUFFEUR DE MA VIE" ya Arthur NDAYIZIGIYE niwe yatwaye ikibanza ca mbere. Ku majwi akozwe neza (MEILLEUR SON) mw’ireresi "The SPRINGBOARD" ya Joseph NDAYISENGA, uwahawe agashimwe ni Franck NGENDABANYANKA, ku ruhande rw’ishusho nziza(MEILLEURE IMAGE) mw’ireresi "LES CLES DU SAVOIR" de Landry KADIGIRI. Umuhinga yakoze ireresi "The SPRINGBOARD" ya Joseph NDAYISENGA nawe yarahawe nawe si uwundi ni Loic NIYONKURU.

Ku rwego mpuzamakungu, Maimouna N’DIAYE yahawe agashimwe kitiriwe "MEILLEURE INTERPRETATION FEMININE" mw’ireresi "L’OEIL DU CYCLONE" ya Sékou TRAORE, ku rwego rw’abagabo, uwahawe agashimwe Hassan Ben BDIDA "C’EST EUX LES CHIENS" ya Hicham LASRI.

Mwomenya ko ibirori vyo gusozera indwi yahariwe isabukuru y’amareresi mu Burundi Festicab 2015 bitabaye kubera ibihe vy’imyiyerekano Abarundi barimwo.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.