Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FORSC : Leta ikwiye gutegekanya uburyo bukwiye mu gisata C’uburimyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > FORSC : Leta ikwiye gutegekanya uburyo bukwiye mu gisata C’uburimyi (...)

FORSC : Leta ikwiye gutegekanya uburyo bukwiye mu gisata C’uburimyi mbumbarugo

mardi 29 Gitugutu 2013

Urunani rw’amashirahamwe adaharinira ivyicaro vya politike FORSC rufadikanije n’ayandi mashirahamwe ashika kuri 20 y’abarimyi yatunganije isekeza ry’iminsi itatu ry’uburimyi mw’ihayanishwagurishwa ry’ibiterwa mbumbarugo, mu ntumbero yo kwerekana ibirangurwa n’amashirahamwe adahanira inyungu za politike.

Muri iryo hayanishwagurishwa, abarimyi bavuye mu mashirahamwe atandukanye yo ngaha mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu, bakaba bari bahishikiye kwerekana ibikorwa vyabo biciye mu burimyi. Bimwe mu biterwa mbumbarugo vyerekanywe hari ibitoke biteye igomwe, imyumbati, ibijumbu, ubwoko butandukanye bw’imboga, ivyamwa, imbuto zo gutera, ubuki, n’ibindi.

Vital Nshimirimana arongoye ishirahamwe FORSC, akaba yashimwe ibikorwa vy’iryo hayanishwagurishwa ry’ibiterwa mbumbarugo ingene biriko birarangurwa. Ati :"N’akaryo keza ku barimyi ko kwerekana ivyo barima bongere banerekane n’imigambi yabo". Akarorero, n’umurimyi w’ibitoke yerekanye umwimbu wiwe w’igitoke, ingene uvamwo ibitari bike, ibitoke vyo kugana, imihwi eka mbere akaba afise n’umugambi wo gukoramwo n’impapuro mu mitumbatumba y’ibitoke. Ivyo bikaba biri mu mugambi wo kugwiza ubutunzi bw’igihugu no kurwanya inzara.

N’igikorwa kibaye mu gihe mu mwaka w’i 2014 hiteguriwe guteza imbere uburimyi mbumbarugo, uburimyi butuma umuryango wikenura bukanateza imbere umuryango. Iryo sekeza ryitiriwe uburimyi, n’akaryo kandi ko kwibutsa abari mu nzego zo hejuru na cane cane abo vyega, ko igisata c’uburimyi ari igisata gikwiye gutezwa imbere na rirya ari n’igisata cokiza abatari bake mu gihe cotezwa imbere gusumba ukwo cahora.

Nshimirimana Vital yasavye abarongoye Uburundi mu nzego zitandukanye, kwumva akamo k’umurimyi, ko akeneye gufashwa mu kurahurirwa ubwenge, akajanwa ahandi atari bwagegere kugira arabe ivy’abandi bariko barakora arushirizeho kwungura ubumenyi buzomutuma ateze imbere igihugu. Mu gihe hari hageze ko Leta y’uburundi itegura itunganywa ry’amafaranga izokoresha mu mwaka w’i 2014, Vital asavye kandi ko hotegekanywa amafaranga akwiye mu gisata c’uburimyi n’ubworozi na cane cane mu burimyi mbumbarugo kugira ico gisata gitere imbere.

Mwomenya ko iryo hayanishwagurishwa ry’ibiterwa mbumbarugo ririko ribera mu kigo c’imico n’akaranga Palais des arts et de la culture rikazomara iminsi itatu, uhereye uno munsi igenekerezo rya 29 Gitugutu gushika igenekerezo rya 31 Gitugutu 2013.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.