Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Franklin Emuobor yafashwe yagirizwa amafoto ateye isoni yasohoye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Franklin Emuobor yafashwe yagirizwa amafoto ateye isoni yasohoye

Franklin Emuobor yafashwe yagirizwa amafoto ateye isoni yasohoye

jeudi 12 Ruhuhuma 2015

Franklin Emuobor Ebenhron yahoze akundanye n’umuririmvyikazi w’Umuganda Desire Luzinda yafashwe yagirizwa kuba yasohoye amafoto ya Desire ari gusa.

JPEG - 271.7 ko
Franklin Emuobor na Desire Luzinda

Yafatiwe mu gihugu ca Uganda, yafashwe n’igiporisi ca Uganda gifadikanije n’igiporisi mpuzamakungu. Yafashwe yagirizwa kuba yararaje Desire Luzinda bahoze bakundanye mu gusabagiza amafoto y’uwo mukobwa ari gusa. Igihe izo foto zashigwa ahabona zigahanahanwa kuri za Facebook, whatsapp n’ahandi hose haca amakuru avuye ku buhinga bwa none, Desire Luzinda yaciye ahunga kubera yaronderwa yagirizwa kurengera umuco n’akaranga ka Uganda.

Uwo mugabo aturuka mu gihugu ca Nigeriya yagirizwa kandi kuba akoresha impapuro z’inzira za magendo. Uwo nyene yashize izo foto hanze kugira yihore uwo mukobwa kubera amahera bahana. Bivugwa ko Desire yamusabira amahera akoresha urundadaza i Dubai hama haragera igihe barabipfa.

JPEG - 65.3 ko
Imwe mu mafoto yashizwe hanze

Franklin Emuobor Ebenhron asubiye gufatwa inyuma yo gutoroka ibohero muri Uganda mu mwaka uheze.

Umviriza ururirimbo Tebakulimba rwa Desire Luzinda


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.