Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gahombo : Imiti ikekwa kuba ikoreshwa n’abayoboke ba Zebiya yafashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Gahombo : Imiti ikekwa kuba ikoreshwa n’abayoboke ba Zebiya yafashwe

Gahombo : Imiti ikekwa kuba ikoreshwa n’abayoboke ba Zebiya yafashwe

jeudi 19 Ruheshi 2014

Imwe mu miti, imfungurwa hamwe n’impuzu nivyo vyafashwe n’igiporisi mw’isakwa ryagizwe ku musozi wa Businde Nyagatovu, hafi y’ahahora habera amasengesho y’umwigeme yitwa Zebiya Ngendakumana.

Iryo sakwa rero rikaba ryabereye mu gacimbiri ka Kabenga wo ku musozi wa Businde Nyagatovu muri komine ya Gahombo mu ntara ya Kayanza, mu muhana umwe, haca hatorwayo iyo miti co kimwe n’impuzu hamwe n’ibifungurwa.

Mu ntwaro aho mu Kayanza, bavuga ko ivyo vyafashwe, vyoba ari ibisanzwe bikoreshwa na bamwe mu bayoboke ba wa mwigeme Zebiya Ngendakumana, asanzwe avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya.

Mwomenya ko kuva hafashwe ingingo yo guhagarika amasengesho kuri uwo musozi, n’ubu bamwe mu bayoboke b’uyo mwigeme bagenda kamwe kamwe, naho badashobora gushika kuri uwo musozi, kuko hafashwe ingingo yo kuhacungera bikwiriye, mbere ico kibanza basengeramwo kikaba cahindutse ikirindiro ca gisirikare.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.