IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Umurwi Ganadores ni wo watahukanye intsinzi

Umurwi Ganadores ni wo watahukanye intsinzi

jeudi 2 Nzero 2014

Mu nzu y’ibiteramo y’ahahoze hitwa Odeon Palace harabereye amahiganwa y’abaririmvyi b’indirimbo mpimbazamana bise Bujumbura First Dancehall. Umurwi Ganadores niwo watahukanye intsinzi.

Mu kurangiza umwaka w’2013, ishengero Christian Life Ministries riri ahahoze hitwa Odeon Palace vyarashize mu ngiro amahiganwa ya mbere y’abaririmvyi b’indirimbo mpimbazamana. Intumbero y’iryo higanwa kwari guhamagarira urwaruka kwirinda ibiyayura mutwe n’inda z’ishushu. Imirwi igera kuri itandatu yariko ihiganwa, na yo ni: umurwi No Jesus no life, Dance Of God, Youth of Purpose, Force +257, Christ for all, n’umurwi Ganadores. Abaririmvyi bahoze mu mirwi nk’iyo bari bahagarariye ayo mahiganwa, kandi nibo bari bagize urwego rwo gutanga amanota.

Mu guhiganwa, umurwi wose wategerezwa kuririmba indirimbo zibiri, hanyuma rwa rwego rutanga amanota rwari rufise gutanga iciyumviro cabo ubwa mbere. Eka n’abari mu giteramo bari bafise ijambo kuko ku ncuro ya kabiri nibo baheza bagatanga amanota. Ku ruhimbi rwo gutambirako, iyo mirwi yarikoze mu gahogo, abaraho baranezerwa, abatanga amanota maze baraca urubanza. Mu rubanza baciye umurwi wa Ganadores ni wo watahukanye intsinzi.

Bamaze kumenyesha ko uwo murwi ari wo utahukanye igikimbe, Uwimana Adora arongoye uwo murwi yaciye aja ku ruhimbi gutora agashimwe batsindiye, maze ashikiriza ijambo. Mw’ijambo rwiwe, Adora yarashimiye Imana kw’iteka iteye umurwi w’abo, yarashimiye vy’umwihariko abateguye ayo mahiganwa, yabandanije ashimira abakunzi b’indirimbo mpimbazamana bo mu gisagara ca Bujumbura, eka n’umwe umwe wese ku ntererano iyi canke iriya badasiba kubafashisha eka no kubafata mu mugongo.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • ivyo bikorwa birahimbaye nacanecane ko ari indirimbo mpimbazamana ariko ndababajwe kuri iyo foto uwo musore yakirije intoke z’ibiri nk’abamwe bahimbaza BUDI!Aragenda abashinois bamubwire ico bisigura n’ubutumwa baba batanze .Ubwo abarundi turazi agaciro k’umuco wacu?None nk’iyo foto abarundi baba hanze y’igihugu bayibonye(nkababa mubuchinois) ubona atari agahinda!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.