IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Isabukuru ya mbere y’agakura y’abaririmvyi batazira Imana

Isabukuru ya mbere y’agakura y’abaririmvyi batazira Imana

vendredi 26 Nyakanga 2014

Ishirahamwe JELIM Premier Events iriko itegura isabukuru ya mbere iteguwe ku bw’abaririmvyi b’indirimbo mpimbazamana. Iyo sabukuru izoba igizwe n’ibiteramo, inyigisho z’umuziki n’ibindi, n’ubushimwe buzotangwa kuri bamwe mu baririmvyi.

Nduwimana Natacha ajejwe gutanga amakuru mw’ishirahamwe JELIM Premier Events, avuga ko iyo sabukuru bise Buja Gospel Fest izoba nk’itara rizokwerekana uko ibindi biteramo vy’isabukuru nk’iyo bizoba bimeze ku mwaka ku mwaka narirya ari iya mbere.

Isabukuru Buja Gospel Fest izohuza abaririmvyi b’indirimbo mpimbazamana b’Abarundi n’abo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Isabukuru izotanguzwa n’inyigisho z’umuziki, z’amagara meza n’urudandazwa, hazokwirikira igiteramo kitazorihishwa kizobera mu Kanyosha ahari isengero EAC. Kuri iryo genekerezo rya kane Gitugutu (04 Octobre), hazohereza igiteramo gitumiwemwo cane cane abanyacubahiro kizobera Safari Gate. Bukeye bw’aho kuva igihe c’isaha icenda n’inusu z’umuhingamo (15h 30) hazoba igiteramo co kurangiza isabukuru hamwe no gutanga ubushimwe ivyo birori bizobera ahahoze hitwa "Odeon Palace" ubu hitwa "Christian Life Ministry".

Imirwi n’abaririmvyi bo mu Burundi bazoremesha isabukuru ni nka Apollinaire Habonimana, Dudu Niyukuri, One Nation, Leila, Natacha, 3 In One Ministry n’abandi karuhariwe mu ndirimbo zo gutazira Imana. Abaririmvyi bo mu karere bazokwitaba isabukuru ni Holy Keane Amooti azova mu Buganda na Kambua Manundu azova muri Kenya.

JPEG - 114.6 ko
Abamenyeshamakuru n’abateguye ikiganiro

Isabukuru Buja Gospel Fest iteguwe na JELIM Premier Events izotanga ubushimwe ku mice itatu y’abakora indirimbo mpimbazamana. Agashimwe ka mbere kazohabwa umuririmvyi wa mbere azoba yatowe n’umurwi utanga amanota, aka kabiri kazohabwa umuhinyanyuzi wa mbere w’indirimbo mpimbazamana hanyuma hashimirwe umuririmvyi ariko atera imbere cane muri uwo muziki.

Ivyo vyose vyavugiwe mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cagirishijwe na Natacha Nduwimana afadikanije na Nadege Kabagenzi ajejwe igisata c’uburyo mw’ishirahamwe JELIM Premier Events.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.