Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gatumba : Umwimbu w’ipampa ntushimishije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Gatumba : Umwimbu w’ipampa ntushimishije

Gatumba : Umwimbu w’ipampa ntushimishije

jeudi 18 Mukakaro 2013

Umwimbu w’ipampa muri zone Gatumba ntiwagenze neza cane kuko ikiguzi cayo kigurishwa kiri munsi cayo abayirima bari bipfuza. Bakaba bari bipfuza ko igiciro cova ku mafaranga y’amarundi 500 kikaja ku mafaranga 1000. Ibindi navyo vyatumye umbwimbu utangenda neza n’ihindagurika ry’ibihe.

Igurishwa ry’ipampa rikaba ririko rirabandanya muri zone Gatumba, iri muri komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura rural. Bigaragara ko umwimbu w’iyo pampa utagenze neza muri ako gace ko mu burengero bw’Uburundi. Ivyo bikaba vyatangajwe, ejo ku munsi wa gatatu, igenekerezo rya 17 Mukakaro 2013.

Kubw’abo bafundi b’indimo Stany Nsabiyakira na Boniface Habonayo, umwimbu w’ipampa ntiwagenze neza kubw’uruzuba rwatse mu mezi ya Nzero na Ruhuhuma muri uno mwaka w’2013 mu gihe abarimyi bariko baratera imbuto z’ipampa. Ikindi naco kinuganugwa kubw’uwo mwimbu utagenze neza, bivugwa ko hari ipampa yoba yarabitswe n’abategetsi bamwe bamwe n’abandi banyagihugu bo muri ako gace.
Ariko hejuru yizo nsiguro, abarimyi b’ipampa bavuze ko ikiguzi c’ipampa ku kiro kitinjiza na gato bagereranije n’amafaranga baba bakoresheje mu kuyirima.

Ishirahamwe rihingura ipampa, COGERCO mu gifaransa, rigura ikiro c’ipampa ku mafaranga 500 y’amarundi. Mu mwaka uheze, ikiro c’ipampa kikaba cagurwa amafaranga 400 y’amarundi. Abarimyi b’ipampa bakipfuza ko ico giciro c’ipampa cova ku mafaranga 500 kikaja ku mafaranga 1000, gutyo, bazoheza bitange gusumba mu kurima ipampa.
Abarimyi b’ipampa babandanya bamenyesha kandi ko bataronka amafaranga n’iyo bahejeje kuyigurisha. Bibasaba kurindira ikiringo c’iminsi, kugira baronke agahembo kabo.

Mwomenya ko muri iyo zone Gatumba, hari urunani rw’amashirahamwe agera kuri 13 asanzwe arima ipampa. Urunani rw’ayo mashirahamwe rukaba ruzwi kw’izina rya « Kunda igiterwa c’ipampa ». Ariko, ishirahamwe rimwe, ntiryashoboye kurima ipampa kubw’ingorane ryagize ry’ukubura uburyo.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.