Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gihanga : Abaganga barasubiriye guhagarika akazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Gihanga : Abaganga barasubiriye guhagarika akazi

Gihanga : Abaganga barasubiriye guhagarika akazi

mardi 30 Mukakaro 2013

Abaganga bo mu ntara ya Bubanza, komine Gihanga barahagaritse akazi kuva ku munsi w’ejo, ku ncuro ya gatatu, biyamiriza ingingo yafatiwe batatu mubo bakorana yo kubahindurira aho bahora bakorera kandi amategeko atubahirijwe.

Nk’uko bamwe mubagize sindika y’abaganga muri komine Gihanga babimenyesheje, abo bahinduriwe aho bakorera nta kindi bariko barahorwa atari ibikorwa vyo muri sendika, aho mbere bakamenyesha ko uwutwara akarere k’ubuvuzi muri iyo komine ata yindi ntumbero afise atari ugutera ubwoba abaja imbere mu bikorwa vya sendika.

Ku ruhande rw’abo vyega, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida yamenyesheje ko nyabuna abo baganga boraba namba ukwo guhindurirwa kwakozwe hisunzwe amategeko.

Mu ndwi iheze, intumwa zo mu muryango w’ababikira Bene Mukama, abaserukira sendika y’abaganga i Gihanga n’abaserukiye ubuyobozi bw’intara y’ubuvuzi baragiranye inama, bariko barabira hamwe icatumye abo baganga batatu bahindurirwa akazi. Gushika n’ubu, izo mpande zose ntizirumvikana kuri ico kibazo, abaganga nabo bakaba babandanya basaba ko iyo ngingo yo guhindurira aho bakorera bagenzi babo


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.