Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Habonetse umurwayi wa Ebola mu Bwongereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Habonetse umurwayi wa Ebola mu Bwongereza

Habonetse umurwayi wa Ebola mu Bwongereza

mardi 30 Kigarama 2014

Umwe mu baganga ba bongereza bari bagiye gufasha mu kugwanya ikiza ca Ebola muri Sierra Leone, yerakanye ibimenyetso vy’ico kiza amaze gusubira mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Nkuko ikinyamakuru ’’Le point’’ ca bimenyesheje, uwo muganga amaze kuganuka mu gihugu ciwe c’amavukiro ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, igenekerezo rya 28 Kigarama 2014, baramukoreye ibipimo ariko gusanga nawe afise ibimenyetso vya Ebola. Uwo mupfasoni akomoka mu bwongereza akaba ariko aravugwa ndetse n’amatohoza akaba yatanguye kugira bamenye abantu bashobora kuba baragiraniye imigenderanire nuyo mugwayi kugira nabo bakoregwe ibipimo.

Tukabibutsa ko ico kiza ca Ebola ushobora kucandura igihe cose habaye imigenderanire n’uwugwaye. Sierra Leonce kikaba ari igihugu kimwe muri Afrika casinzikajwe n’ikiza ca Ebola aho ibiharuro bashize ahabona vyerekana ko abantu bagera ku bihumbi icenda(9000) aribo bamaze kwandura muri ino mwaka buca dusozora wa 2014.


Alida SABITEKA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.