Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hagiye gutangwa urucanco rukingira uruhumyi n’inzoka ku bana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Hagiye gutangwa urucanco rukingira uruhumyi n’inzoka ku bana

Hagiye gutangwa urucanco rukingira uruhumyi n’inzoka ku bana

samedi 12 Nzero 2013

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwaya SIDA bwaratunganije uruganda ku bamenyeshamakuru ku munsi wa kane igenekerezo rya 10 Nzero 2013 ku bijanye n’indwi yahariwe amagara ku bavyeyi n’ibibond. Iyo nayo ikaba ijanye n’isekeza ryo gutanga urucanco rw’agasama ritegekanijwe kuva igenekerezo rya 15 gushika kurya 18 Nzero mu gihugu cose.

Muri ico kiganiro,Boniface Maronko atwara umugambi wo gucandaga yamenyesheje ko ibikorwa bitegekanijwe muri iyo minsi ine ari gutanga vitamine A yo gukingira uruhumyi, ibinini vya Albendazole bivura inzoka ku bana bafise imyaka iri hagati y’umwe na cumi n’ine no ku bakenyezi bibungenze kuva ku mezi ane.

Hazotangwa kandi n’icunyunyu ca Fer na Acide Folique ikingira indwara yo gukama amaraso ku bakenyezi bibungenze no gukorwa nabi kw’umwana ari mu nda.
Muganga Maronko yamenyesheje ko ikindi gikorwa gihambaye ku magara y’ibibondo ari ico gutanguza isekeza rigira kabiri ryo gutanga urucanco rw’agasama nk’uko bitegekanijwe ku rutonde rwo gucandaga mu gihugu. Ico gikorwa naco kiraba abana bafise amezi 18.

Ku kibazo co kumenya igituma izo ncanco ziguma zisubiriza, Dr Maronko yavuze ko ivyo bifise ico bishingiyeko kuko ku bana 100 bacandazwe 80 bonyene nibo baba bacandazwe neza mu gihe kuri 20 urucanco rutaba rwakoze neza.Rero ngo ku vyirwa vyakozwe vyabonetse ko urwo rucanco rwa kabiri ruzotuma bava ku bice 80 bagashika ku bice 96 kw’ijana.

Ico gikorwa rero ngo ntikibuze ingorane kuko hari bamwe badacandagisha abana bivuye kuvyo bemera mu madini,ahandi abayobozi b’amashuri mu bisagara ntibatanga abana ngo bataronse uruhusha rw’abavyeyi.Kuri ivyo Muganga Maronko avuga ko urwo rucanco ataco rwonona ku magara y’umwana ahubwo ngo rwongereza abasoda b’umubiri.

Twobabwira ko iryo sekeza ritunganywa kabiri mu mwaka mu ntumbero yo guteza imbere amagara y’abana n’abavyeyi.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.