Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hagiye kwerekanwa abashobora guha ingurane abarimyi n’aborozi hamwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Hagiye kwerekanwa abashobora guha ingurane abarimyi n’aborozi hamwe (...)

Hagiye kwerekanwa abashobora guha ingurane abarimyi n’aborozi hamwe n’abakorana nabo

mercredi 9 Gitugutu 2013

Urunani rw’abaharanira iterambere ry’uburimyi bita Agri-Profocus Burundi, urunani rw’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana bita Réseau des Institutions de Micro Finance (RIM) n’umugambi PAIOSA wo gufasha ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi kugira butunganye neza imigambi yabwo, ryatanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshakuru mu ntumbero yo gutunganya iyerekanwa rigiye kuba mu minsi iri mbere, ry’abashobora guha ingurane abarimyi n’abarozi, ry’abagura bagahingura ibivuye mu mwimbu, hamwe n’abadandaza ibikoresho bishobora gukoreshwa mu kubika no guhingura umwimbu.

Mw’ijambo ry’intangamarara ryashikirijwe na Cyprien Ndayishimiye, umukuru w’umurwi utegura iyerekanwa ry’ashobora guha ingurane abarimyi n’aborozi, abahingura ibivuye mu mwimbu hamwe n’abadandaza ibikoresho vyo guhingura umwimbu, yamenyesheje ko hagiye gutunganywa iyerekanwa rya mbere rizoba kuva kw’igenekerezo rya gatanu gushika kurya ndwi Munyonyo umwaka w’2013.

Intumbero y’ico gikorwa c’iyerekanwa rya mbere akaba ari uguhuza abatanga ingurane aribo amabanki n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, abatanga indishi y’agahombo ku mpanuka z’umuyaga n’imvura vy’igihuhusi canke bivuye ku rubura n’uruzuba rw’umurengera, abatanguye imigambi yo kurima no kworora, kugura no gushora umwimbu, abawuhingura bakawudandaza, eka n’ukwereka abo bose bipfuza gutangura imigambi mishasha yo kwiteza imbere ko mu burimyi n’ubworozi hashobora kuvamwo imyuga itari mike.

Abo bose bakazoronka akanya ko guhanahana inkuru z’imvaho, kuganira kuvyagenze neza n’ivyagoranye, gutorera hamwe inzira nziza zo kwiteza imbere, gusuma ubwenge hamwe no kubona imigambi bashobora kurangura bakiteza imbere.
Ihangiro n’aryo akaba ari uko abarimyi n’aborozi, abarangura umwimbu, abawuhingura bakawudandaza, ko boronka ingurane kandi imirima n’ibitungwa vyabo bigashumbushwa habaye impanuka zitabavuyeko, badashobora kwirinda.

Mwomenya ko Agri-Profocus na PAIOSA biri mu bishigikiye imigambi y’igihugu, yo kurwaganya ubukene mu guteza imbere uburimyi n’ubworozi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.