Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hagiye kwugururwa amavuriro yiswe « Amis de jeunes » mu kurwanya inda (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Hagiye kwugururwa amavuriro yiswe « Amis de jeunes » mu kurwanya inda (...)

Hagiye kwugururwa amavuriro yiswe « Amis de jeunes » mu kurwanya inda z’ishushu

vendredi 15 Munyonyo 2013

Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA igiye kwugurura amavuriro bise « Amis de Jeunes » mu ntara zose z’igihugu mu ntumbero yo kurwanya imbanyi zitwarwa zitipfujwe ku rwaruka, zibonekeza cane mu Burundi.

Muganga Gilbert Batungwanayo asanzwe ari mu mugambi w’igihugu w’irondoka rijanye n’amagara meza (PNSR) mu Burundi akaba yabishikirije kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 14 Munyonyo 2013 mu kiganiro cari categuriwe abamenyeshamakuru.

Mw’ihangiro PNSR ifise, insanzwe yarashize imbere mu migambi yayo, irondoka rijanye n’amagara meza ku rwaruka, n’uko hoshingwa n’imiburiburi amavuriro bise « Amis de jeunes » abiri abiri, ku ntara ku ntara mu gihugu cose. Muganga Barutwanayo amenyesha ko ubu hari amavuriro bise « Amis de Jeunes » 20 gusa, ku mavuriro arenga 800 akenewe mu gihugu, hakaba hakenewe uburyo butari buke kugira ayo mavuriro yose yubakwe.
Ayo mavuriro azotegerezwa gukora amasaha 24 kuri 24, agakora ico yagenewe mu gufasha urwaruka igihe cose bipfuje gufashwa ku bibazo vy’irondoka rijanye n’amagara meza.

Umugambi PNSR witeguriye kandi kwongereza ubumenyi kubazotanga impanuro kw’irondoka rijanye n’amagara meza, kuri ayo mavuriro kugira bazoshobore kuganira neza ata bwoba ku bibazo bijanye n’ibihimba vy’irondoka, ibibazo bidakunzwe no kuganirwa mu mico y’abarundi.

Ku rusansuma rwari rwakozwe ku banyagihugu bose hamwe no mu mihana mu mwaka w’2008, ibice bigera kuri 5,2 kw’ijana vy’abigeme bari hagati y’imyaka ya 12 na 18 bafise umwana. Nayo ibice bigera ku 28 kw’ijana vy’abafise umwana umwe umwe batarakwiza imyaka 18 bari bafise imyaka iri hagati ya 12 na 14.
Ku biharuro biheruka gusohoka vyatanzwe n’ibiro biraba ivy’imibano mu biro vy’umukuru w’ibihugu c’Uburundi, kuva mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2012 kugeza mu kwezi kwa Ntwarante mu mwaka w’2013, incuro zigera kuri 28 z’abakoroje imbanyi hamwe n’abana bishwe bakivuka nizo zaharuwe mu gipolisi c’Uburundi. Ibice 6 kw’iajana vy ‘abagime bari hagati y’imyaka 10 na 16 bari bamaze kwubaka urwabo.
Ku mwaka w’ishure w’2011 ushira uw’2012, ku banyeshure 6 120 bari mu mashure yisumbuye, abagera ku 1 000 bari bamaze guhagarika amashure kukw’imbanyi batwaye batipfuje.

Bimwe muvyashikirijwe biri mu bituma abana batarakwiza imyaka yo kwubaka urwabo bababandanya batwara ambanyi batipfuje, hari ingorane yo kutaganira hagati y’abavyeyi n’abana, kutubahuka kuvuga ibijanye n’ibitsina, kwimuka ahantu uja ahandi, ubuhinga bwa none bujanye n’itumatunako amakuru, ukudendebukirwa kw’abavyeyi mu guha indero abana babo, amareresi yerekana uburyo butaribwo mu guhuza ibitsina, ibigo vyo gucukuriramwo ubutare hamwe no kuroba, aho imiduga ihagararira hamwe n’ubukene.

Mwomenya ko umugambi w’igihugu w’irondoka rijanye n’amagara meza (PNSR) wateguye indwi yahariwe irondoka rijanye n’amagara meza (SNASR), kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika ku genekerezo rya 22 Munyonyo. Azoba ari indwi ije kwifadikanya n’isekeza ryo kugabanya impfu ku bakenyezi.


Mariella Bukuru

Messages

  • Gushinga amavuriro bise<<Amis de jeunes>> mu ntara zose z’igihugu ntibivugako arumugambi wo kurwanya inda zishushu,numva umengo murabashigikiye muriyo zira barimwo,mukongera mukabatera intege nka baba bubatse biciye mumategeko y’igihugu,kumbwaje mbona bokoresha uburyo bwinshi mukwigisha urwo rwaruka ivyo bituma batwara inda zishushu,kandi PNSR irazi ivyo bituma hatwarwa inda zishushu mumatohoza yayo yagize.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.