Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hakozwe umuti ufasha guhagarika kunywa itabi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Hakozwe umuti ufasha guhagarika kunywa itabi

Hakozwe umuti ufasha guhagarika kunywa itabi

mercredi 18 Ruhuhuma 2015

Umuti urimwo agace (molecule) kitwa"varénicline" wakozwe n’abashakashatsi mpuzamakungu wabonetse nk’umuti ufasha abanywa itabi kurihagarika buke buke (progressivement).

Ubushakashatsi mpuzamakungu bwatangaje ko agace "Varenicle" bakoze, kagiye gufasha abantu banywa itabi kurihagarika buke buke. Ivyo vyigwa vyakozwe n’abashakashatsi bigenga bakorera ku bitaro "Mayo Clinic", bakaba bafashwe mu mugongo mu buryo bw’amafaranga n’ikigo gikora imiti co muri Reta zunze ubumwe z’amerika.

Ariko rero, abakoze ivyo vyigwa bavuga ko umuntu iyo afashe uwo muti adaca ahagarika ubwo nyene kunywa itabi, ahubwo bigenda buhoro buhoro (progressivement), hama uko uyifata mu nyuma umuntu yisanga yahagaritse kunywa iryo tabi.

Ivyigwa vyakozwe ku bantu 1500 banywa itabi bava mu bihugu 10 bitandukanye, bavuga ko badashobora guheba kunywa itabi ubwo nyene canke mu minsi 30 kandi ko bifata igihe kugira babihagarike burundu. Mu nyuma yo gufata uwo muti urimwo ako gace ka "Varenicline", basanze abawufashe bahagaritse kunywa itabi ari benshi, ibice 32 kw’ijana mu mezi atandatu gusa.

Umuganga Jon Ebbert, icegera c’umurongozi w’ikigo c’abashakashatsi bigenga bo mu bitaro Mayo Clinic, avuga ko uwo muti ugiye gufasha abantu bafise ingorane yo guheba kunywa itabi. Uwo muganga yongera avuga ko ubwo buryo bwizewe cane kandi bugiye kwongereza ibiharuro vy’abantu bahagarika kunywa itabi, ntibasubire kurikoza mu kanwa.

Mwomenya ko ibiharuro bitangwa na OMS (Organisation Mondiale de la Santé), vyerekana ko abantu bangana n’imiriyoni zirenga zitanu kw’isi yose aribo bahitanwa n’indwara ziva ku kunywa itabi.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.