Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hari umugambi wo gushinga ikigo gitanga ingurane ku barimyi b’ikawa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Hari umugambi wo gushinga ikigo gitanga ingurane ku barimyi b’ikawa

Hari umugambi wo gushinga ikigo gitanga ingurane ku barimyi b’ikawa

jeudi 12 Ruheshi 2014

Urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa mu Burundi (CNAP - Murima w’isangi) rwatanguje umugambi wo kwugurura ikigo co kuguranana ku barimyi b’ikawa.

Umuhinga Audace Bireha yerekanye akamaro ko gushinga ikigo nk’ico, abarimyi b’ikawa bakazoshobora kuronka ingurane kugira bashobore kwongereza umwimbu, na cane cane ko amabanki amwe amwe atihutira cane gutanga ingurane ku basanzwe bakorera mu gisata c’uburimyi.

Intumbero y’uwo mugambi ni ugushiraho ikigo cotuma abarimyi b’ikawa bashobora nabo kwisununura. Vyarabonetse ko abarimyi muri rusangi hamwe no ku barimyi b’ikawa cane cane, bahura n’ingorane nyinshi iyo bariko barondera ingurane muma banki.

Amashirahamwe yo kubika no kuguranana mu Burundi bavuga ko adaha agaciro igisata c’ikawa. Ihindagurika ry’ibihe, umwimbu utama ari mwinshi, hamwe n’itituka ry’isi, ivyo vyose bikaba biri mu bituma amabanki atizera abarimyi b’ikawa, nk’uko bivugwa n’umuhinga Audace Bireha. Ni naco gituma vyari bikwiye ko haba icigwa ku vyerekeye ico gisata c’ikawa, bakaraba ivyo abarimyi b’ikawa bakeneye, n’ibindi vyose vyotuma uwo mugambi uja mu ngiro. Ikindi n’uko bokwiga namba ico kigo coba kizosaba inyungu mu mwanya muto canke muremure, kuko ata muntu yokora nawe ataronka inyungu.

Abarimyi b’ikawa barabonye ko ico kigo cotanga ingurane ku barimyi bikenewe ko kivuka, kuko abanyagihugu ata buryo bafise atari igihe honyene bashoye umwimbu baba baronse, uduhera natwo bakuyemwo bagaca badukoresha mu muryango, hamwe no mu ndimo, nk’uko Bireha abandanya abimenyesha.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.