Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hoba hari isano ryo kuba mwiza n’ukwisiga amavuta y’agaciro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Hoba hari isano ryo kuba mwiza n’ukwisiga amavuta y’agaciro

Hoba hari isano ryo kuba mwiza n’ukwisiga amavuta y’agaciro

mardi 11 Ruheshi 2013

Burya ubwiza bw’umuntu buri ku mutima. Abantu benshi na cane cane abigeme baragerageza kurondera kuba beza kugira bashimwe, ivyo navyo bakabikora mu buryo bwose bubashobokera, uhereye ku mutwe gushika kw’ino rya nyuma.

Ivyo tugerageza gushira ku mibiri yacu ari amavuta yo ku mibiri n’ayo gutsiba imishatsi, ari amarangi yo ku nzara canke amavuta yo kwipompa kugira akamoto gahinduke, biragira ingaruka n’ubwo bidaca vyibonekeza ubwo nyene.

Mu bushakashatsi bwakozwe, haragaragaye ko vyinshi muvyo dukoresha mu kugerageza guhindura imibiri yacu, haba muri ayo mavuta yo ku mubiri no mu mishatsi, haba mu marangi yo ku nzara canke muvyo twipompa kugira duhindure akamoto, harimwo ivyuka bishobora kugirira ingaruka mbi amagara y’abantu.

Si bibi kwisiga ivyo bihejeje kudondagurwa, ariko vyari bikwiye ko umuntu wese yitondera ivyo agiye gushira ku mubir iwiwe. Ababikora usanga kenshi aba ari ababa mu bisagara kuko vyinshi muri ivyo bisiga biba bivuye mu mahanga, abo nabo akaba aribo babironka muba mbere, kanatsinda ko biba bizimvye.

Ikinyamakuru “IGIHE” carakoze itohoza kuri bamwe babikoresha ba hano mu gisagara ca Bujumbura na bamwe babigurisha. Bamwe mu babikoresha batumenyesheje ko babigira kugira bashaze gusa canke kugira banezereze abakunzi babo.

Ku babigurisha nabo, bagurisha kugira baronke akanoti bongere banezereze abaguzi babo.
Ku vyerekeye ingaruka zihaba kuri ivyo bisiga, nk’akarorero ku mavuta atuma imishatsi itsiba, vyaragaraye ko kuguma bayisiga kenshi canke kuza barahindagura ubwoko bw’ayo bahora bisiga bishobora kugirira nabi umutwe, n’imishatsi igahinduka.

Ku marangi yo ku nzara, bigaragara y’uko kuvyisiga kenshi hagera igihe inzara zihindura ibara zikirabura.

Nayo ku bijanye n’amavuta bapompa kugira akamoto umuntu yari afise gahinguke ”deodorant”, usanga akozwemwo ibintu bishobora gutuma umubiri uzana ibivyimbe kubera usanga hari igihe umuntu aza arahindagura ivyo yimpompa.

Abahinga muvy’amagara y’abantu ku bijanye n’urukoba, baremeza y’uko ivyo dusiga ku rukoba harimwo ibintu usanga bitajanye canke bidahuye n’umubiri w’uwugira ayisige bigaca bituma ahurirwa, akaguma yiyagaza. Vyiza n’ukubanza gusoma ku bigopo vy’ayo mavuta kugira dukingire urukoba rw’umubiri.

Bimwe mu bibuzwa ni amavuta usanga atanguzwa n’utujambo,”Ethyle, metthyle, butyle canke propyle kuko kuri bamwe ashobora gutuma arwara kanseri. Ayarimwo DEHP, DHP, DBP biboneka kenshi muri arya marangi yo ku nzara, mu masabuni yo mu mutwe no mu mavuta yo kwipompa no kwisiga ku mubiri, ivyo navyo bigashobora gutuma haba ubugumba bw’umubiri.

Hari impanuro umuntu ashobora gukuriza ku bijanye n’ivyo vyo kwisiga kugira akingire urukoba rw’umubiri, ashobore no kuba mwiza ata nkurikizi mbi zihabaye.

1. Amarangi y’amabara yo ku maso

Nka kurya kwo ku mishatsi, amarangi basiga ku ngohe, ashobora gutuma amaso agira ibivyimbe canke hakaba uruhumyi namba uwavyisize atabishizeko ku buryo bitogirira nabi amaso.

2. Kwisiga amarangi ku nzara

Hari abafise inzara nzinjira mu mubiri bikabasaba ko bakoresha utwuma twabigenewe mugabo dukoreshwa kuri bose. Vyiza n’ukwirinda kuza urasiga ayo marangi kenshi kuko bishobora gutera kanseri. Ku badafise inzara zinjira mu mubiri, nabo nyene bogabanya kuko inzara zishobora guhindura ibara zikirabura.

3. Amavuta yo gutsiba imishatsi

Ku bijanye no gutsiba imishatsi, abantu benshi na cane cane abakenyezi n’abigeme baribaza ibibazo ku mavuta yoba ari meza kurusha ayandi, ayotuma imishatsi itsibwa neza kurusha ayandi. Gusiga ibizimvye canke guhindagura siwo muti. Ahubwo nikuhamerera magabo kuko hari abahitanwa n’ivyo bisiga mu mutwe bivanye n’ibikozwe muri ayo mavuta kuko usanga bidahuye n’ukungene umubiri w’uwo muntu uba umeze, ushobora kuba woroshe, ayo mavuta nayo akamuturira.
Vyiza n’ukwirinda kuvyisiga kenshi, umuntu yoreka umutwe ugahema nk’igihe kitari gito ari amezi atatu canke arenga, akaba ariho asubira gusiga ibindi.

Urukoba rw’umuntu n’igihimba coroshe gikarirwa n’impanuka zitari nke. Ku vyerekeranye n’ivyo basiga ku rukoba, ari amavuta canke ibindi bituma uhinduka, ni vyankenerwa kwegera umuganga igihe cose umuntu abonye ko hari ikitagenda neza kuvyo aba yisize.

Kuba mwiza ntibisaba kwisiga amavuta kanaka, ahubwo bisaba kuvyemera muri wewe, kwumva ko uri mwiza. Kugira abandi bakubone ko uri mwiza, n’uko wewe nyene ubwawe uba wabonye ko uri mwiza. Amavuta canke ibindi bigeretsweko, bizoza vyongereza ubwiza busanzwe buri kuri wewe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.