Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
HPLR: “Hamwe Reta itoshista ivyo yemeye, tuzosubira guhagarika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > HPLR: “Hamwe Reta itoshista ivyo yemeye, tuzosubira guhagarika (...)

HPLR: “Hamwe Reta itoshista ivyo yemeye, tuzosubira guhagarika imirimo”

vendredi 21 Ntwarante 2014

Inyuma yaho abakozi bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bafatiye ingingo yo guhagarika imirimo yabo bivuye kugashahara k’amezi atatu basaba, basubiriye ku mirimo vy’agategekanyo.

Mu gihe bari bamaze iminsi itatu bahagaritse imirimo yabo kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 17 Ntwarante gushika ku wa 19 Ntwarante, abakozi bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bemeye gusubira ku mirimo vy’agategekanyo kuva kuri uyu wa 20 Ntwarante 2014. Alexandre Nsabimana aserukira abakozi kuri ivyo bitaro, avuga ko babaye barasubira ku mirimo vy’agategekanyo, kuko ku amafaranga ashika imiriyoni 200 y’amarundi Reta yaribaheraniye, imiriyoni 130 zimaze gushirwa kuri konte y’ibitaro vyabo. Akavuga ko imiriyoni 80 z’amafaranga y’amarundi zisigaye, Reta yemeye kuzoyabashirirako vuba.

Naho bemeye gusubira ku mirimo, Alexandre Nsabimana yamenyesheje ko mu gihe Reta itoshitsa ivyo yemeye, n’ukuvuga gushira kuri konte y’ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, imiroyi 80 zisigaye, ko bazoca basubira guhagarika imirimo yabo. Tubibutse ko ayo mafaranga abakozi bo kubitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bavuga baheraniwe na Reta y’Uburundi, harimwo ayo yahora ibarihira mu kigega ca INSS no muri Mutuel.

Alexandre Nsabimana

Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.