Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
HPRC : Abakozi bavuzwa na MUTUELLE bahagaritse akazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > HPRC : Abakozi bavuzwa na MUTUELLE bahagaritse akazi

HPRC : Abakozi bavuzwa na MUTUELLE bahagaritse akazi

vendredi 4 Mukakaro 2014

Abakozi bo ku bitaro Prince Regent Charles bakoresha MUTUELLE bamaze imisi itatu bari muri yegereyegere, biturutse ku ngingo yafashwe yo kudasubira kuvuzwa n’ishirahamwe MUTUELLE.

Inyuma y’aho ishirahamwe rivuza abakozi ba Reta, MUTUELLE rifatiye ingingo yo kudasubira kuvuza abakozi bo ku bitaro vyitiriwe umuganya Regent Karori, abakozi bose baserukira iryo shirahamwe, baciye bafata ingingo yo kudasubira kubandanya imirimo yabo. Aho ikinyakuru IGIHE cashika ku bitaro vyitiriwe umuganwa Regent Karori mu gitondo co kuri uwu wa gatanu wa 4 Mukakaro, abaganga n’abaforoma n’abandi bakozi bari bagandagaje mu kibuga c’ivyo bitaro, hakaba n’abari bicaye baguma bavuga ko batatomokewe n’ingingo yafashwe n’ishiramwe MUTUELLE yo kudasubira kubavuza.

Nicaise Ndayizeye, umwe mu bakozi bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Regent Karori yaserukiye abandi, yamenyesheje ko abakozi bo kuri ivyo bitaro bafashe ingingo yo guhagarika imirimo inyuma yaho bumviye inkuru y’ikibiriraho n’icavutu yo kudasubira kuvuzwa n’ishirahamwe MUTUELLE. Aho ni mu gihe bavuga ko basanzwe batanga intererano ku kwezi ku kwezi ituma bavuzwa nk’abandi bakozi ba Reta. Imvo n’imvano y’ifatwa ry’iyo ngingo, akaba ari ikete ryarungitswe n’ishirahamwe MUTUELLE rivuga ko hariho ibirarane vy’intererano z’abakozi, ubuyobozi bw’ibitaro vyitiriwe umuganwa Regent Karori bufitiye ishirahamwe MUTUELLE. Ikindi naco, ni ibijanye no gukata intererano zitangwa n’abakozi bo kuri ivyo bitaro, ishirahamwe MUTUELLE itumvikanako n’ubuyobozi bw’ibitaro.

Naho ubuyobozi bw’ibitaro bwari bwafashe ingingo yo kuba buravuza bwo nyene abakozi mu kurindira ko ikibazo cabo gitorerwa inyishu, abakozi bo kuri ivyo bitaro bamenyesheje ko bazosubira ku mirimo yabo babonye ikete ry’ishirahamwe MUTUELLE ribemerera ko rizosubira kubavuza. Basaba ko abategetsi bo ku rwego rwo hejuru nk’umushikiranganji w’amagara y’abantu n’uw’abakozi n’akazi ko boja hamwe mu kwiga ico kibazo kugira gishobore gutorerwa inyishu.

Mwomenya ko abo bakozi baciye nabo bafata ingingo yo kudasubira kuvura abantu baje kubitura basanzwe bakoresha udukarata twa MUTUELLE, imirimo ibayabaye akaba ariyo ikorwa yonyene (service minimum).


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.