Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Huguruwe inama rukokoma y’uburimyi n’ubworozi i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Huguruwe inama rukokoma y’uburimyi n’ubworozi i Bujumbura

Huguruwe inama rukokoma y’uburimyi n’ubworozi i Bujumbura

mercredi 20 Munyonyo 2013

Mu matohoza yagizwe n’urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi mu Burundi, vyaribonekeje ko ubukene bw’imbuto zirobanuye, ubwo umwavu w’ikizungu uzimbutse, ukutaronka ingurane ku barimyi ari bimwe mu bituma umwimbu utaba mwiza. Ikindi kibitera hakaba harimwo itunganywa ritabereye ry’amasoko adandarizwamwo ivyimburwa.

Ihuriro ry’amashirahamwe y’abarimyi (FOPABU-Ijwi ry’abarimyi) rifashwe mu mugongo n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, imigambi PRODEFI na PAIVA-B, rikaba ryatunganije ikoraniro kaminuza rigira gatanu kuri uyu wa 20 Munyonyo. Intumbero y’iryo koraniro akaba ari kugira ayo mashirahamwe aganire kuvyo abarimyi biyumvira ku vyerekeraniye n’intonde z’ibitegekanijwe gukora uburimyi n’ubworozi butere imbere.

Iyo nama yitabwo n’abashingamateka, abakenguzamateka, abaserukiye abashikiranganji, abarongoye imigambi ya PRODEFI na PAIVA-B hamwe n’abaserukira abarimyi n’aborozi baje bava mu ntara zitandukanye z’Uburundi.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza ikoraniro kaminuza, umunyamabanga ntayegayezwa m’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, Joseph Nduwimana yamenyesheje ko igisata c’uburimyi n’ubworozi cateye imbere n’ubwo hakiri intambanyi zitari nke zigihanze ico gisata. Izo nazo hakaba harimwo ukubura ingurane ku barimyi, ukutaronka imbuto zirobanuye, n’ihandagurika ry’ibihe. Ati: “Iyi nama nkuru ku rwego rw’igihugu igiye kwegeranya ivyiyumviro vy’abarimyi kugira barabire hamwe ivyokorwa vyorushiriza guteza imbere ico gisata”.

Mu bigiye kwigwa muri iyo nama rukokoma, harimwo ingene umugambi mushasha wa Leta wo kuronswa umwavu w’ikizungu uzimbutse utunganijwe, ingene imbuto zirobanuye zoboneka ku gihe kibereye. Hazokwirwa kandi ivyokorwa kugira abarwiza mbuto baronke impanuro ndanga mbuto ku gihe gito, ingene abarimyi boronswa imbuto kw’ideni bazishura ku nyungu itavuna. Kandi ukwo kwishura kukaba bamaze kwimbura. Ikindi kizohigirwa n’icerekeye ingene amasoko atunganijwe, yaba aya Leta y mu gihugu, ayo mu karere canke mpuzamakungu. Iyo nama rukokoma y’amashirahamwe y’abarimyi mu Burundi igiye kumara iminsi itatu ikoranye.


BUKURU Mariella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.