Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
HUP : Umugambi mushasha w’igihugu wo kurwiza imboga n’ivyamwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > HUP : Umugambi mushasha w’igihugu wo kurwiza imboga n’ivyamwa

HUP : Umugambi mushasha w’igihugu wo kurwiza imboga n’ivyamwa

lundi 11 Munyonyo 2013

Abana bari munsi y’imyaka 5 bagera ku bice 58 kwi 100, baracafungura nabi mu Burundi n’abandi batari bake bataramenya icp arico gufungura neza. Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bufadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’uburimyi n’ubworozi FAO bwatunganije uruganda rwo gutanguza umugambi mushasha w’igihugu wishinze kurima no kurwiza imboga n’ivyamwa, mu bisagara n’impande y’ibisagara wiswe,HUP (Horticulture Urbaine et Periurbaine) mu ntumbero yo kurwanya gufungura nabi mu Burundi.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza ibikorwa bijanye n’uwo mugambi mushasha wishinze kurima no kurwiza imboga n’ivyamwa mu bisagara no hagati mu bisagara, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Odette Kayitesi yagize ati : « Uburundi, n’igihugu kibeshejweho ahanini n’uburimyi n’ubworozi. Ibiterwa, nkw’imboga, ivyamwa n’ibindi vy’amababi, n’ibiterwa bikundwa kurimwa mu Burundi kandi vyimbuka cane. Ariko, iyo vyimbuwe, ibitari bike bica bija gushorerwa hanze y’igihugu, bigaca bigarukwa kudandazwa vyahinduwe mu Burundi, bikagurishwa ku mahera atari make. Ivyo navyo ni uruhombo ku gihugu gisanzwe kivyirima. Ikindi naco, n’ababirima ntibaheza ngo bavyikenure kandi vyari mu bifasha gufungura neza».

Kugira ico kibazo co gufungura nabi kiri mu bihahanze Uburundi gitorerwe inyishu, ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwaciye bwitura ishirahamwe FAO kugira ribufashe gushinga umugambi w’igihugu mu guteza imbere uburimyi na cane cane mu kurwiza ibiterwa vy’ivyamwa n’imboga. Umushikiranganji Kayitesi akameyesha ko uyo mugambi uzotuma haba irwizwa ry’ibiterwa nk’imboga, ivyamwa n’ibindi biterwa vy’amababi, eka mbere n’amasoko yavyo agwizwe, abatari bake nabo babironke bitagoranye. Ibikorwa vy’uyo mugambi navyo bikazotuma haba ubuzi mu ntumbero yo kurwanya ubukene. Yaboneyeho n’akaryo ko guhamagarira abategetsi b’Uburundi, abanyamitahe, abagira neza, n’izindi nzego zitandukanye gushigikira uyo mugambi kugira urushirizeho kumenyekana mu gihugu n’abatari bake bawijukire.

Yamuremye Amede nawe, ajejwe umugambi wo kurwiza imboga n’ivyamwa mu bisagara n’impande y’igisagara, yagize ati : « Icatumye uyu mugambi utunganywa, ni ukwo mu matohoza yakozwe mu Burundi, basanze abatari bake akamaro ko gufungura imboga n’ivyamwa atako bazi, kuko abanshi bacibaza ko gufungura neza ari gufungura inyama iminsi yose. Uyo mugambi ukaba uje gufasha abantu kwijukira gufungura cane imboga n’ivyamwa kugira n’igitigiri c’abafungura nabi kigabanuke, gusumbiriza guhingura ibivuye mu vyamwa kugira n’abo ngaha bashobore gusigaza ivyo bikenuza kuvyo hora bishorerwa hanze ».

Mwomenya ko ibikorwa vyo gutunganya umugambi wishinze kurwiza ivyamwa n’imboga mu bisagara n’impande y’ibisagara, vyari vyatanguye mu kwezi kwa Myandagaro 2013, mbere no hagati mu gihugu umurwi ujwejwe kwiga ibijanye n’uwo mugambi ukaba warashitseyo kuwumenyesha.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.