Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihano birategekanijwe ku bagurisha imiti ya magendo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibihano birategekanijwe ku bagurisha imiti ya magendo

Ibihano birategekanijwe ku bagurisha imiti ya magendo

vendredi 28 Kigarama 2012

Kuri uno wa kane itariki 27 kigarama 2012 mu nyubakwa z’ishuri kaminuza ry’ubuganga INSP riri mu gisagara ca Bujumbura, haratunganijwe uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye no kurwanya urudandazwa rw’ibikoresho vyo mu gisata c’ubuvuzi rudaciye mu mategeko.

Muri urwo ruganda umuyobozi mukuru w’ishuri ry’ubuganga muganga Pierre Claver Kazihise yavuzeko abadandaza b’ibikoresho vyo mu gisata c’ubuvuzi batarekuriwe gukorera urwo rudandaza ahariho hose nko mu mabarabara,mu masoko canke ahandi hose.

Muganga Kazihise yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko ivyo bikoresho bidandarizwa gusa mu mazu yabigenewe kandi azwi ariyo bita amafarumasi.

Umuyobozi w’ishuri kaminuza ry’ubuvuzi INSP akaba rero yamenyeshejeko ibihano vyamaze gutegurwa kuri uwo wese adandaza imiti bidaciye mu mategeko.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.