Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu 11 vyahuriye mu nama ya ASARECA kw’iterambere ry’uburimyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ibihugu 11 vyahuriye mu nama ya ASARECA kw’iterambere ry’uburimyi

Ibihugu 11 vyahuriye mu nama ya ASARECA kw’iterambere ry’uburimyi

lundi 9 Kigarama 2013

Ishirahamwe ASARECA (Association pour Renforcer la Recherche Agricole en Afrique Orientale et l’Afrique Centrale) ryatunganije inama idasanzwe igira kabiri ihuza ibihugu bigize iryo shirahamwe. Muri iyo nama, abahinga baje bava muri ivyo bihugu bariko barabira hamwe ingene boteza imbere igisata c’uburimyi, kugira kibere umwuga uteza imbere abakorera muri ico gisata.

Abahinga n’abasanzwe bakorera mu gisata c’uburimyi bo mw’ishirahamwe ASARECA bavuye mu bihugu cumi na kimwe, Burundi, Rwanda, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Tanzaniya, Uganda, Kenya, Ethiopie, Erythree, Madagascar, Sudan na Sudani y’amaja epfo nibo bitavye iyo nama igira kabiri yuguruwe na Odeta Kayitesi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, ari kumwe Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Odeta Kayitesi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko igisata c’uburimyi gitejwe imbere ariho inzara n’ugufungura nabi vyotuzwa mu gihugu c’Uburundi, n’umurimyi mbere agashobora kwiteza imbere, akava ku burimyi bwo kwimbura ivyo afungura gusa, agashobora n’ukuronka ivyo ashora. Mu gihe abarimyi bahura n’intambamyi nyinshi nk’ugutakaza akanovera kw’isi ndimwa n’ihindagurika ry’ibirere, umushikiranganji Odeta Kayitesi yasavye abahinga bari muri iyo nama y’ishirahamwe ASARECA kwigira hamwe ivyokorwa ku neza y’abarimyi n’iterambere ry’ubutunzi bw’ibihugu muri rusangi.

JPEG - 41.1 ko
Odeta Kayitesi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi

Kubwa Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, n’aho igihugu c’Uburundi kibifashijwemwo n’abasanzwe bafasha mu gisata c’uburimyi catunganije imigambi yo guteza imbere uburimyi, biragaragara ko umwimbu wama uri munsi y’igitigiri c’abantu bivuye kw’irwirirana. Ku ruhande rw’abarimyi, intambamyi nyamukuru zikunda kwibonekeza ni ukubura kw’umwavu wa kijambere, imbuto zirobanuye n’inyigisho z’abashakashatsi ku barimyi mu bijanye n’ingene borima kijambere. Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yahamagariye abashikiranganji b’uburimyi n’ubworozi bari muri iyo nama gupfundika ibikorwa bitomoye vyorangurwa kugira uburimyi butezwe imbere, n’ubuhinga bwongerekane.

JPEG - 34.7 ko
Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Ishirahamwe ASARECA (Association pour Renforcer la Recherche Agricole en Afrique Orientale et l’Afrique Centrale) rihurikiyemwo ibihugu cumi na kimwe (11) arivyo Burundi, Rwanda, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Tanzaniya, Uganda, Kenya, Ethiopie, Erythree, Madagascar, Sudan na Sudani y’amaja epfo ryatanguye mu mwaka w’1994, rikaba ryihaye intumbero yo guteza imbere igisata c’uburimyi n’iterambere ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko na Afrika yo hagati.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.