Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibikoresho biciye imiriyoni 300 y’amarundi vyahawe ubushikiranganji (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibikoresho biciye imiriyoni 300 y’amarundi vyahawe ubushikiranganji (...)

Ibikoresho biciye imiriyoni 300 y’amarundi vyahawe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu

mardi 28 Nzero 2014

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida bwararonkejwe n’ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe za Amerika mu Burundi ingabire y’ibikoresho bitandukanye yaba inyabwonko hamwe n’ibikoresho vyo gupima, biciye amafaranga amadorari 196000 y’abanyamerika, ni ukuvuga imiriyoni 300 z’amafaranga y’amarundi.

Ku munsi w’ejo kuwa mbere igenekerezo rya 27 Nzero 2014, uwuserukira Reta zunzubumwe za Amerika mu Burundi, Dawn Liberi ari kumwe n’icegera c’umunyamabanga w’ibiro vy’ibikorwa mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika, David Gilmour, yarahaye imfashanyo igihugu c’Uburundi y’inyabwonko 21 ku mugambi wo kurwanya umugera wa Sida, hamwe n’imashini 12 zo gupima, ku bitaro vya Ngozi, Gitega, Bujumbura hamwe na Bujumbura rural.

Mw’ijambo yashikirije, Dawn Liberi akaba yamenyesheje ko iyo mfashanyo izofasha mu gushigikira ibikorwa vya Reta y’Uburundi vyo kurwanya umugera wa Sida, hamwe no gukinga ku bavyeyi ntibanduze abana babo.
Yashimikiye cane ku bimaze gukorwa mu kugira bakingire abana banduzwa n’abavyeyi babo, na cane cane ko biboneka ko mu Burundi bari bakwiye gukinga gose ku rugero rusumbirije.
Muri ivyo bikoresho rero, hakaba harimwo ibikoresho bizotuma babona urugero umugera wa Sida ugezeko mu mubiri, hamwe no gukurikirana abari ku miti.

Sabine Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida akaba yaboneyeho akaryo ko gushimira Reta zunzubumwe za Amerika zidahengeshanya gufata mu mugongo igihugu c’Uburundi, na cane cane mu kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, kuko kuva mu mwaka w’2005, Reta zunzubumwe za Amerika zimaze gutanga imiriyoni 62 z’amadorari.


Floxella Karire

Messages

  • Imana irakunda UBURUNDI Nabarundi nihe inguvu abaganga bakore nkabikorara mukwita kubagwayi". abobanyamerika nabo turashimama cane ukuntu batibagira igihugucacu Imana ibahe imigisha.

  • Amerika ifise umwitwarariko mwishi k’uburundi nabarundi, natwe turakunda cane abanyamerika ( America has a lot of care burundi and burundians, we love so much American.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.