Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibinini (pilule) vyoba bifise ingaruka izihe ku magara y’umukenyezi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibinini (pilule) vyoba bifise ingaruka izihe ku magara y’umukenyezi

Ibinini (pilule) vyoba bifise ingaruka izihe ku magara y’umukenyezi

vendredi 7 Ntwarante 2014

Kwirinda kuvyara intahekana, kwirinda gusama utavyipfuje, kugabanya ububabare mu gihe c’ubutinyanka, bimwe mu bituma abakenyezi batari bake bahitamwo gukoresha ibinini vyitwa pilule nk’uburyo bwo kwikingira bataronerwa.

Mu buryo busanzwe bukoreshwa mu kwirinda gusama umuntu atavyipfuje canke mu kugabanya ububabare mu gihe c’ubutinyanka, hariho gufata ibinini (pilule) canke kwiteza inshinge. Ku bijanye n’uburyo bwo kwikingira gusama imbanyi umuntu atavyipfuje hakoreshejwe ibinini, abakenyezi batari bake baribaza, nimba hariho akamaro ko kubifata canke nimba atangaruka bishobora kugira ku magara yabo mu nyuma yo kubifata.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE,, muganga Hakizimana Sadoscar yatanze umuco ku bibazo bitandukanye abakanyezi bakunze kwibaza, kubijanye n’ibinini banywa mu kwirinda gusama hataragera, canke kubigeme babinywa batarubaka urwabo.

Ku kibazo co kumenya akamaro ivyo binini bita ama “pilule” vyoba bifise ku mukenyezi kanaka, muganga Sadoscar Hakiziman amenyesha ko ibinini (pilule) bishobora kurinda umukenyezi gusama imbanyi atavyipfuje, kurinda ibivyimba ku gitereko, kugabanya ububabare ku bigeme bari mu butinyanka, gusubiza ku murongo kubasanzwe bataja mu butinyanka uko vyari bikwiye canke bikabavura, mu gihe bariko bava amaraso menshi. Ariko naho bifise ingaruka nziza, bishobora no kugira ingaruka mbi mu gihe babinyoye ukutarikwo, nko mu gihe uwo mukeneyezi afise indwara y’igisukari, indwara y’igitigu canke indwara z’umutima.

Ku bivurwa ko ama pilule afise ingaruka zitari nziza kubayafashe bose, muganga Sadoscar Hakizimana avuga ko ata muti n’umwe utagira ingaruka, ariko iyo unyowe nk’uko wanditswe, ingaruka zitaba nyinshi. Ku bwiwe, abakenyezi bakwiye kunywa ibinini igihe gusa bavyandikiwe n’umuganga, kandi bakabifata uko bategetswe kubinywa. “Iyo ibinini binyowe ukutarikwo, bishobora kugira ingaruka mbi kurusha uko vyari kugira akamaro mu gihe binyoweneza”.

Nko ku bavyeyi bonsa, banywa ibinini kugira ntibakurikize kare, bakwiye kwirinda gufata ama pilule (progesterone na oestrogene) imbere y’amezi atandatu kuko bishobora guhagarika gusubira kuja kandi mu butinyanka, amaberebere akagabanuka mbere ntasubire no kuryoha. Ku bigeme naho, bafise ingorane zo kutaja mu butinyanka uko bikwiye canke bava amaraso kenshi, muganga Hakiziman ahanura ko boza baranywa ibinini mu gihe cavyo, bakirinda no kubinywa ukutariko, mu kwirinda ingaruka zoza mu nyuma.

Ku bijanye naho nuko ubwoba canke kugira imyitwarariko myinshi y’ubuzima (stress) bishobora gutuma haba ihindagurika ry’umubiri, bigatuma nko ku bakenyezi bigorana ko basama imbanyi, canke bigatuma abigeme baja mu butinyanka hatari bwagere, n’inkuru dushimye kuzogarukako hanyuma.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.