Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu 5 umuntu abwirizwa kumenya ku nyama ziseye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibintu 5 umuntu abwirizwa kumenya ku nyama ziseye

Ibintu 5 umuntu abwirizwa kumenya ku nyama ziseye

jeudi 7 Ntwarante 2013

Indwara zo munda zikunda guterwa n’inyama ziseye zirakunda kuvugwa mubinyamakuru.Mbega umuntu yarakwiye kugira ubwoba?umuntu yofungura gute izo nyama mu mutekano,ata bwoba?

Ivyo dukwiye kumenya kunyama ziseye

JPEG - 9.9 ko

Inyama ziteste canke zidatetse:ni kuhamerera magabo.
Naho hatabura induru ziterwa n’umwanda,inyama ziguriwe mu masoko ya kijambere ziguma ari nziza kandi umuntu ashobora kunazifungura mu gihe bubahirije amategeko amwe amwe y’isuku.

Mukaba mukunda inyama zidakase naho nyene ntangorane mushobora kuzifungura ariko kubera ihindagurika ry’ibihe rituma inyama zononekara rimwe na rimwe,umuntu yobanza kuyiteka akaraba ko yahiye neza imbere yo kuyifungura,mugomba ko inyama zanyu bazikatakata,ivyiza ni uko uwuzidandaza yozikatagura ubona kugira ubone neza ko aguhaye inyama zigikomeye.

Muragaba ku nyama zokeje

JPEG - 11.4 ko

Akenshi abakunda kwotsa inyama barakunda kwibagira ibijanye n’isuku.Imbere yo gukora n’ukubanza guhanagura aho gukorera,ugategura amasahani menshi yo guterekako inyama zawe,kuko inyama zamaze gutekwa canke kwotswa kirazira ko zisubira gukora ku nyama zitaratekwa,n’ugutegura rero amasahani menshi kugira ivyo ntibishike maze ngo inyama zamaze gutekwa zihave zandura indwara mu nyuma.

Ubahirize ubukanye bw’inyama

JPEG - 7.8 ko

Nk’ibindi bifungurwa bimwe bimwe,inyama nazo nyene zirakarirwa n’ihindagurika ry’ibihe.Ivyiza n’ukuyigura ugishika aho zigurirwa,mugishika muhira n’uguca mushira inyama zanyu ahantu hakanye nko muri ca cuma bita frigo,hama ugashira agasahani munsi yizo nyama kugira ntizikore ku bindi bifungurwa,ivyiza ni kubanza kuzishira mugasashe kogeje kandi gasa neza.


Alexandrine Keza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.