Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu bitanu bibuza abantu kuronka itiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibintu bitanu bibuza abantu kuronka itiro

Ibintu bitanu bibuza abantu kuronka itiro

vendredi 9 Rusama 2014

Tumenyereye kubona akenshi ko iyo umuntu agiye kuryama ateba akaronka itiro, ariko hari igihe bishika iyo aryamye akabura itiro. Bimwe mu bituma umuntu ataronka itiro uko yaravyiteze, usanga ari ibintu mbere bito bito mugabo atarivyo kwanjanjwako.

Mu matohoza yakozwe, abashakashatsi barerekanye bimwe mu bintu bituma abantu bashobora kutaronka itiro igihe bagiye kuryama.

1) Guhindagura amasaha yo kuryama

Bamwe mu bashakashatsi bononosoye ibijanye n’itiro, bavuga ko kuryama umwanya muremure mu minsi y’akaruhuko, nko ku minsi ya gatandatu no kuw’Imana bikoroga amasaha umubiri wari waramenyereye kuvyukirako. Iyo rero umuntu ahinduye amasaha yo kuryamirako no kuvyukirako, umubiri nawo nyene uca uhindura uko wari wamenyereye gukora mu kuzana itiro. Ivyo rero bigaca bituma umuntu ataronka itiro uko yaravyiteze.

2) Kuryama ahantu hashushe

Mu cirwa giheruka gukorwa, umushakashatsi Martha Jefferson wo muri Reta Zunzubumwe z’Amerika, arerekana ukungene ubushube buba buri ahantu umuntu aryamye bushobora gutuma umuntu ataronka itiro iyo aryamye. Avuga ati : « Ubushuhe bw’umuntu bukurikira ukungene amasaha y’umunsi agenda aragenda. Ku muhingamo ubushuhe buba ari bwinshi, bukagenda buramanuka gushika isaha 11 zo mu gitondo. Itiro naryo rikaba ritegekanijwe gutangura kuza igihe ubushuhe butanguye kugabanuka. Iyo habandanije hashuha rero, n’itiro ntiriheza ngo rize . Ku bisanzwe icumba umuntu aryamamwo gitegerezwa kuba gifise ubushuhe buri hagati y’ama degré 16 na 19 ».

3) Kugira ubwoba bwo kuryama ahantu hatabona

Kugira ubwoba bwo kuryama ahantu hatabona,n’inyifato ikunze kwibonekeza kenshi ku bana ariko abahinga mu vy’inyifato bavuga ko no ku bakuze iyo nyifato yibonekeza. Ivyo bikavana n’ukungene umuntu aba yarakuze. Abahinga mu vy’itiro bavuga ko ubwoba ari umwansi w’itiro kubw’ukuguma bagangabuka iyo baryamye.

4) Gufungura inyama zitukura mw’ijoro

Gufungura canke kunywa ibintu bituma umutima utera cane, nk’inyama zitukura, indya zirimwo ipiripiri, izirimwo ibinure, kunywa icayi canke ikawa hasigaye umwanya muto ngo umuntu aryama, biri mu bituma umuntu ataronka itiro. Abahinga bavuga ko izo mfungurwa zifata amasaha menshi kugira umushishito uzisye, ivyo bigatuma umuntu ataronka itiro kuko umubiri wiwe uba ugikora.

5) Kuryama hari ukwezi

Icirwa cakozwe kuri kaminuza y’i Bale mu gihugu c’Ubuswise, kivuga ko, ivyo bita « hormone » zituma haba itiro, zigabanuka kugeza ku bice 30 kw’ijana iyo hatse ukwezi mw’ijoro. Iyo hari ukwezi mw’ijoro, muri rusangi, umuntu yoba atakaza iminota igera kuri 20 maze no gutora vuba itiro bikagorana.

Abagize ubushakashakatsi kubijanye no kubura itiro bahamagarira abantu kugerageza gukurikiza izo mpanuro, kuko umuntu ataryama uko bikwiye bishobora kugira izindi ngaruka ku magara, aha hakavurwa nko kugira uburuhe budahera.


BUKURU Mariella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.