Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Ibipimo vyo kuraba ko umugabo avyara vyatanguye kugurishwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Amerika : Ibipimo vyo kuraba ko umugabo avyara vyatanguye kugurishwa

Amerika : Ibipimo vyo kuraba ko umugabo avyara vyatanguye kugurishwa

mercredi 11 Ruhuhuma 2015

Muri Reta zunze ubumwe z’amerika barakoze ibipimo vyo kuraba ko abagabo bavyara (tests de fertilité) mu mwanya muto batarinze kugenda kwa muganga mu gihe na benshi bibatera isoni.

Mu gihe abagore bashobora kwipima ko basamye mu mwanya muto kandi mw’ibanga, n’abagabo ubu barashobora gupima ko bavyara nk’uko kw’abagore. Ivyo bipimo vyatanguye kugurishwa mu bibanza badandarizamwo imiti (phamarcie) muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Ibipimo vyo kuraba ko abagabo bavyara mu mwanya muto vyakorewe mu gihugu ca Reta zunze ubumwe z’amerika, ababikoze bakaba bagomba kworohereza abagabo bafise isoni zo kuja kwa muganga kubera bikeka ko batavyara, mbere ugasanga biranateba, ubu bakaba bagiye gushobora kwipima umwanya wose kandi mw’ibanga. Ivyo bipimo bikorwa n’agakoresha kitwa "Spermcheck", hama inyishu y’ibipimo ikamara iminota indwi.

Mu gupima rero, bafata imbuto z’umugabo bakazivanga n’amazi adasanzwe (liquide spéciale), hama bagashira amama atandatu y’urwo ruvange rw’imbuto z’umugabo n’amazi kuri ako gakoresho bakarindira iminota indwi gusa. Ivyo bipimo bica bikwereka ko urwo ruvange rw’imbuto z’umugabo zisumba canke ziri musi y’imiriyoni 15 z’amariritiro.

Ivyo bipimo vyaremewe n’ikigo kijejwe amagara y’abantu OMS (Organisation Mondiale de la Santé). Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, ibice 98 kw’ijana vy’abagabo bakoresheje ivyo bipimo basanze vyakoze neza.
Ivyo bipimo bikaba bigiye gufasha cane abagabo kubera ikibazo co kutavyara kimeze nk’ikintu kidakunda kuvugwa cane, mbere bigatera isoni abagabo kuja kwipimisha iyo bahuye n’iyo ngorane.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.