Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibirori vya Grammy Awards uko vyagenze na bamwe batsinze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ibirori vya Grammy Awards uko vyagenze na bamwe batsinze

Ibirori vya Grammy Awards uko vyagenze na bamwe batsinze

lundi 9 Ruhuhuma 2015

Uko umwaka utashe mu gihugu ca Reta zunze bumwe z’Amerika haraba ibirori bikomeye vyo gutanga ubushimwe ku baririmvyi bakoze neza kw’isi yose vyitwa Grammy Awards. Umuririmvyi Sam Smith niwe yatahukanye agashimwe k’umuririmvyi yaririmvye neza umwaka w’2014 kw’isi yose}.

Sam Smith,Uwatsindiye Grammy Awards

Mu gihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika habaye ibirori bikomeye vyo gutanga ubushimwe ku baririmvyi baririmvye neza umwaka w’2014 "Grammy Awards". Ivyo birori vyahuje ibihagange mu muziki hamwe n’abakinyi b’amareresi.

Umuririmvyi Sam Smith niwe yatahukanye agashimwe k’umuririmvyi mushasha yakoze neza uyu mwaka vyongeye n’indirimbo yiwe "stay with me" yatowe nk’indirimbo y’umwaka 2015 (Song of the year), indirimbo yakunzwe cane.Beyonce na Jay-z nabo nyene barahawe agashimwe ku ndirimbo yabo "Drunk in Love" yabaye indirimbo ya mbere yakunzwe mu mudiho wa R&B(Best R&B Song). Eminem yahawe agashimwe k’umuririmvyi yasohoye urukurikirane rw’indirimbo zo mu mudiho wa Rap ziryoshe kandi zikoze neza kw’isi yose.

Ivyibonekeje muri ivyo birori bigatangaza abantu benshi n’ukuntu umuririmvyi Kanye West yahagurutse mu gihe umuririmvyi Beck ahejeje kuronka agashimwe ko yasohoye urukurikirane rw’indirimbo zakunzwe cane kw’isi yose (Best album), abantu benshi batanguye kwibaza ko agomba avuge ko Beyonce ari we yari kwegukana ako gashimwe nk’uko yabikoreye umuririmvyikazi Taylor Swift mu birori vya MTVVM. Mugabo Kanye West ntaco yavuze yaciye asubira mu kibanza ciwe.

Ivyo birori vyaranzwe n’indirimbo zitandukanye z’abaririmvyi nka Rihanna, Kanye West, Beyonce, Pharell Williams, Katy Perry, n’abandi aho babiciye bigacika.Si ivyo gusa muri ivyo birori haribonekeje n’inyambaro itandukanye y’ibihagange mu muzika hamwe n’ibihagange mu gukina amareresi.

Raba Ubushimwe bumwe bwatanzwe hamwe n’amafoto

Record of the Year: Sam Smith, Stay With Me
Song of the Year: "Stay With Me," Sam Smith
Album of the Year: Beck, Morning Phase
Best Country Album: Miranda Lambert, Platinum
Best R&B Performance: "Drunk in Love," Beyonce feat. Jay Z
Best Rock Album: Beck, Morning Phase
Best Pop Vocal Album: Sam Smith, In the Lonely Hour
Best Pop Solo Performance: “Happy,” Pharrell Williams
Best New Artist: Sam Smith
Producer of the Year, Non-Classical: Max Martin
Best Folk Album: Old Crow Medicine Show, Remedy
Best Americana Album: Rosanne Cash, The River & Thread
Best American Roots Song: “A Feather’s Not a Bird,” Rosanne Cash & John Leventhal
Best American Roots Performance: “A Feather’s Not a Bird,” Rosanne Cash
Best R&B Album: Toni Braxton & Babyface, Love Marriage Divorce
Best Urban Contemparry Album: Pharrell Williams, Girl
Best R&B Song: Drunk In Love, Beyonce ft. Jay Z
Best Traditional R&B Performance: “Jesus Children,” Robert Glasper Experiment feat. Malcolm Jamal Warner & Lalah Hathaway
Best Rap Album: Eminem, Marshall Mathers LP2
Best Rap Song: “I,” K. Duckworth & C. Smith
Best Rap/Sung Collaboration: "The Monster," Eminem feat. Rihanna
Best Rap Performance: “I,” Kendrick Lamar
Best Rap/Sung Collaboration: "The Monster," Eminem feat. Rihanna
Best Rap Performance: “I,” Kendrick Lamar

Beyonce na Jay-Z
Beyonce ahejeje gutora agashimwe
Taylor Swift
Rihanna
Pharell Williams
Kanye West na Kim Kardashian
Nick Minaj na Miley Cyrus
Beck na Kanye West
Rihanna na Katy Perry

Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.