Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibitaro Clinique Prince Louis Rwagasore vyiyemeje gusanga abagwayi mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibitaro Clinique Prince Louis Rwagasore vyiyemeje gusanga abagwayi mu (...)

Ibitaro Clinique Prince Louis Rwagasore vyiyemeje gusanga abagwayi mu mihana yabo

mardi 22 Nzero 2013

Haraheze amezi atanu ibitaro Clinique Princes Louis Rwagasore bitanguje umugambi wo gusanga abagwayi imuhira iwabo,ico bise SONADO,abamaze kwiyandikisha muri uyo mugambi bakaba bagera kuri 15.

Uwo mugambi wo gusanga abagwayi muhira bakaba bawutanguje mu gisagara ca Bujumbura ariko ngo babonye abanyagihugu bumva akamaro kawo,nta nkeka ko bowukwiza mu gihugu cose.

Muganga Benoit Ndabashika umwe mu baganga bari muri uyo mugambi amenyesha ko ico gitigiri c’abamaze kwiyandikisha ari gito cane ugereranije n’imisi iheze uwo mu gambi utanguye,ivyo ngo bikaba biva ku bukene butera bwiyongera mu banyagihugu cane cane abo mu gisagara ca Bujumbura.

Benoit Ndabashika akaba yavuze ko bagiye kuraba ukuntu bogabanya ingwati isabwa kugira umuntu aronke uburenganzira bwo kwinjira muri uwo mugambi,ivyo rero ngo ni mu ntumbero yo kworohereza abagwayi kuko hari abatari bake bashima uwo mugambi.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.