Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibitaro CMCK vyateye intambwe muvy’ubuvuzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibitaro CMCK vyateye intambwe muvy’ubuvuzi

Ibitaro CMCK vyateye intambwe muvy’ubuvuzi

samedi 20 Ndamukiza 2013

Ibitaro CMCK biri mu gisagara ca Bujumbura, muri komine Kinindo vyararonse icuma ngira kamaro mu gusuzuma no gufasha mu kubaga. Ivyo vyamenyeshejwe igihe bariko batanguza icese ibikorwa vy’ubwo buhinga bushasha.

JPEG - 33.4 ko
Icuma ngira kamaro mu gusuzuma no gufasha mu kubaga,Radiographie

Muganga Onésphore, asanzwe akora kuri ivyo bitaro vya CMCK, yamenyesheje ko abarundi bazoharonkera akarusho kuko ubwo buhinga buje kubapfunyiriza urugendo, ku bahora barungikwa kuburondera mu bindi bihugu, haba mu Rwanda canke mu Buhindi n’ahandi.

JPEG - 34.1 ko
Muganga Onésphore

Abarwayi twashoboye kuganira barashima kanatsinda ko hari bamwe muri bo bogiye kwivuriza mu mahanga mu misi ya vuba. Bamenyesheje ko iyo ntambwe y’iterambere ari iyo gukenguruka ariko bagasaba ko ubwo buhinga bwoshirwa ku buryo bw’amafaranga butavuna, na cane cane ko abarundi bafise amikoro make.

JPEG - 35.1 ko
Abarwayi twahasanze

Muganga Onésphore yaremesheje abibaza namba abaganga bashobora gukoresha ubwo buhinga boba bahari. Yishuye ko hari umuhinga wo mu gihugu c’Ubuhindi yaje kuzokoresha ivyo vyuma, kandi ko afise uburambe bw’imyaka irenga mirongo ibiri muri uwo mwuga.

JPEG - 36.7 ko
JPEG - 5.1 Mo

Egide Nduwimana

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.