Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibitigiri vy’abana n’abavyeyi bapfa biracari vyinshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibitigiri vy’abana n’abavyeyi bapfa biracari vyinshi

Ibitigiri vy’abana n’abavyeyi bapfa biracari vyinshi

jeudi 15 Nzero 2015

Ibitigiri vy’abana n’abavyeyi bapfa biracari vyinshi mu Burundi n’ubwo bisa n’ibiriko biragabanuka, bishikirizwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa SIDA, Sabine Ntakarutimana.

Mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co kuwa 14 Nzero, mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye, mu mwaka urangiye w’2014, umushikiranganji Sabine Ntakarutimana amenyesha ko mu mwaka w’2010, igenekerezo rihurirarana n’icigwa cakozwe,aho basanze abavyeyi bapfa bariko baribaruka bagera ku majana atanu, ku bana bavuka 100000 mu gihe mu mwaka w’2006 bagera ku majana umunani.

Ku bijanye n’ibitigiri vy’abana bapfa , vyaragabanutse vyavuye ku 129 mu mwaka w’2006, bija kuri 86 ku bana 1000 bavuka. Umushikiranganji Sabine Ntakarutimana yasiguye ko bisa n’ibiriko biragabanuka n’ubwo ibitigiri bikiri vyinshi kuko bitari bikwiye ko umuntu abura umwana bivuye ku tugwara nko gucibwamwo, agasama, malariya, hamwe no gufungura nabi kandi mu bisanzwe abana bari bafise uburenganzira ku magara.

Umushikiranganji Sabine Ntakarutimana yamenyesheje kandi ko ikindi cigwa kiriko kirategurwa bakizera ko mu mwaka w’2016 ibintu bishobora kuzoba vyahindutse.


Floxella Karire

Messages

  • Ubundatahuye igituma nkuruziza atakwirukana namakosa umaze kugira ?kabisa ntaco ubuye umuntu aravye iyo foto utumwa ,utuzuru,izosi,intoke zivyibushe, igikiriza =85% naje no humiriza hamwe ho kuburiri vyobo arisawa sinopfa ndakwirukanye ((ivyo vyabana bapfa nakazi kabo wana tuzoba turabitorera umuti munyuma iyizire sabina wanje)))

  • Iyi commentaire ya Ntwari si nziza na gato. Jewe ndayibonamwo un manque de respect.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.