Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibitigiri vy’abarwara umugera wa SIDA mu Burundi vyaragabanutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibitigiri vy’abarwara umugera wa SIDA mu Burundi vyaragabanutse

Ibitigiri vy’abarwara umugera wa SIDA mu Burundi vyaragabanutse

samedi 30 Munyonyo 2013

Indwara ya SIDA (Syndrome d’Immuno Déficience Acquise) ni indwara idakira, kandi itararonka umuti. Abantu bandura biciye akenshi mu bihimba vy’irondoka mu gukora amabanga mpuzabitsina batikingiye canke igihe umwana ariko aravuka atakingiwe, ku muvyeyi afise uwo mugera. Ni ndwara kandi ishobora kwandurwa biciye mu gutoborwa uruhu n’urushinge canke n’urwembe ruba ruhejeje gukoreshwa kuwarasanzwe awurwaye.

Mu matohoza aheruka gukorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2012, abantu barenga imiriyoni 34 z’abantu nibo bagendana umugera wa SIDA kw’isi yose. Muribo, imiriyoni 3,3 yari abana bari munsi y’imyaka 15.
Mu gihe kw’igenekerezo rya 1 Kigarama, uko umwaka utashe, kw’isi yose bahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, ikinyamakuru IGIHE cashimye kubaganira ivyerekeye ico kiza SIDA naho kigeze mu Burundi.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Supesi Nihangaza arongoye ikigo «FVS -AMADE Burundi Abagenzi b’abana», ikigo gisanzwe gifasha abana bagendana umugera wa SIDA, yamenyesheje ko ibitigiri vy’abarwaye umugera wa SIDA mu Burundi vyagabanutse agereranije n’umwaka uheze, kuko uburyo bwo kuyikingira bwabonetse ku bwinshi.
Ariko n’aho habaye akarusho kuvyerekeye kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, mu Burundi haracari ingorane kuko amavuriro atanga imiti yo gupfupfahaza atarakwizwa mu gihugu, cose eka mbere n’ibiganiro vyo gukabura abantu kwirinda kuwandura vyaragabanutse.

Supesi Nihangaza asanzwe arongoye ico kigo cakira abarwaye umugera wa SIDA avuga ko ababangamiwe kurusha abandi mu kurwara umugera wa SIDA ari abakenyezi kuko abenshi muribo batize, bugarijwe n’ubukene, babangamiwe cane no gufatwa ku nguvu, hamwe n’abandi batarijukira kuvyarira kwa muganga kugira bashobore gukingira umwana mu gihe umuvyeyi yoba yanduye.

Ku bijane n’ihangiro ry’uno mwaka bihaye kw’isi mu kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, n’uko ata muntu n’umwe yosubira kuvukana umugera wa SIDA, abayigwaye nabo bakarwirizwa imiti yo gupfupfahaza. Iryo hangiro naryo bise mu gifaransa « Objectif : Zero », rivuga ko ata muntu yosubira kuvukana umugera wa SIDA canke umuhitane, rikazoshikwako mu gihe abantu bose bashize inguvu hamwe.

Supesi Nihangaza agira ati : « Mu gihe abantu bose bobanza kwipimisha umugera wa SIDA imbere yo gukora amabanga mpuzabitsina, abakenyezi bose banduye n’abatarandura bakijukira kuvyarira kwa muganga kugira bakingire abana, hamwe n’abanduye bakamenya kwigenza neza mu nyifato zibereye no mu gufata imiti uko bayitegetswe n’umuganga, nta nkeka, ihangiro ry’uyu mwaka tuzorishikako ».

Yahamagariye abavyeyi kwama batoza indero y’abana babo, haba mu nyambaro canke mu nyifato, kubabwira ivyerekeye ikiza ruhonyanganda SIDA na cane cane kugira bayirinde bakiri bato. Abigeme nabo, bakwiye kwiga kuvuga oya kuri ivyo vyose vyohava bibatwara mu ngeso zitari nziza. Ku bagabo nabo, bakwiye kumenya ko aribo nkingi y’urugo. Kubw’ivyo basabwe gutegura neza kazoza k’imiryango yabo mu kwerekana akarorero keza kazotuma n’abo mu rugo bigenza neza.

Mwomenya ko Reta y’Uburundi yashize imbere mu migambi yayo ikibazo co kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA kugira nayo ishike kw’ihangiro ry’uko ata muntu n’umwe yosubira kuvukana umugera wa SIDA canke umusinzikaze.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.