Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icamwa c’umuhwi gifise akamaro akahe ku magara yacu? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Icamwa c’umuhwi gifise akamaro akahe ku magara yacu?

Icamwa c’umuhwi gifise akamaro akahe ku magara yacu?

samedi 6 Nyakanga 2014

Umuhwi ni icamwa kiryoshe cane gikundwa n’abana, eka n’abakuze barakirya. Tukagisanga mu masoko atandukanye, bikerekana ko ico camwa kizwi cane, ariko ico benshi batamenya n’akamaro k’ico camwa ku magara yabo. None akamaro ku muhwi ni akahe?

Abahinga mu vyerekeye gufungura neza baratwereka ko umuhwi ufise akamaro kanini ku muntu. Ico twomenya n’uko umuhwi urimwo ubwoko bw’isukari butatu bita mu gifaransa "surcose, fructose et glucose", hamwe n’ivyo bita fibre, bigatuma uwuriye ico camwa agira inkomezi (énergie). Ubushakashatsi bukerekana ko kurya imihwi 2 gusa bitanga inkomezi zotuma umuntu ashobora kugira imyimenyerezo ikomeye y’ikarashishi mu minota 90. Arico gituma bidatangaje ko umuhwi arico camwa ca mbere abanonotsi (les athlètes) bihereza.
Si ivyo gusa, umuhwi urafasha gukira no kwikingira indwara zitari nke, arico gituma umuntu yoza arawufungura imisi yose.

Twomenya ko umuhwi ugabanura ukurengerwa n’ibibazo (la dépression), kuko urimwo ico bita "Tryptophane", umubiri uca uhinguramwo ico bita "Sérotonine"gituma umuntu yumva aguwe neza mu bigumbagumba, ukagabanura indwara yo kubura amaraso (anémie). Urafasha umuntu kwiga no kuguma ku gikorwa adasamara (pouvoir de concentration) kandi ugatuma umuntu adahababuka cane (stress) kuko urimwo "Potassium". Urimwo kandi "vitamin B", ugatuma umuntu adashavura birenze (nervosité). Umuhwi uratuma umuntu atagumirwa mu nda (ku bama bawurya). Kurya umuhwi biratezura ububabare bwo mu mushishito (brûlures d’estomac) kandi ugakinga indwara yo mu mushishito bita "Ulcère". Ubushakashatsi bwagizwe n’ikinyamakuru c’amagara yabantu "The New England Journal of Medecine" bwerekana ko kurya umuhwi imisi yose bigabanya gushika ku bice vyababa 40 kw’ijana kugwara umutima (crise cardiaque).


Nadège Irakoze

Messages

  • Basha murakoze! Ariko rero ngira ni nkiyo yo mu bihugu bitaratangura gukoresha Angrais chimiques!! Iyiraho dusanzwe tubona ntabwo ikwije ivyo vyose mwavuze!!

  • mugiramahoro! mfise ubumuga bwa estomac ursel! ariko iyo mfunguy umuhwi numva ntakaj umutuzo munda! nshobora kuribwa munda,kubabwa munda,no kwumva nuzuye inda mbere ntanuko hari nikindi nofata nyuma yivyo! iki kibazo kirantungura cane kuko mwicogihe mpita ntagura gutura imibe myinshi imbabazacane muri estomac! mbe vyoba biva kuki? nokora iki? ubona konubundi burway ngendana atari ubwogusa! mfis kndi sinusites kumwe rero niyindi ngwara ntaramenya iyariyo yo mumihogo imbuza gufungura nukunywa icocose kirimo gaz! mbese ibibikantera guhorana amatsiko! estomac yanj ubu intera amatsiko akabij kuko nsigay numva iri sensible bikabij kubintu bimota,binuka kumwe rero nimbeho! kimwe muribi duhuye naco ibikurikira ni kuribwa munda bidasanzwe! kubura amahoro bwite! muntabare mumpe inama

  • Umuhwi.Uratuma.Utonekara Munda?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.