Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icibutso ca Stromae yambaye impuzu zo mw’isanamu "Papaoutai"casohotse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Icibutso ca Stromae yambaye impuzu zo mw’isanamu "Papaoutai"casohotse

Icibutso ca Stromae yambaye impuzu zo mw’isanamu "Papaoutai"casohotse

lundi 13 Gitugutu 2014

Icibutso cakorewe umuririmvyi Stromae carashizwe k’umugaragaro. Stromae yanditswe mu gitabo c’abaririmvyi bafise imyaka mike bubakiwe icibutso.

Icibutso gikozwe mw’ishusho ry’umuririmvyi Stromae carashizwe ahabona. Stromae aboneka yambaye impuzu yari yambaye ibutura n’ishati yambaye mw’isanamu y’ururirimbo "Papaoutai". Icibutso "Statue" cakozwe n’ikigo Grevin"L’Académie Grévin" kirongowe na Stéphane Bern.

Kuri uwo w’Imana nyene igenekerezo rya 12 Gitugutu, umuririmvyikazi Line Renaud afise imyaka 86 nawe yaciye ashikirizwa igishushanyo ciwe yakorewe na ca kigo nyene. Stéphane Bern ati: "Line, umuririmvyi mpuzamakungu na Stromae ntoronka ikibanza ndamuha, n’ibihangange ntangere".

Mwomenya ko Stromae ku myaka 29 ari mu baririmvyi b’imyaka mike bubakiwe igishushanyo, uwa mbere aracari umuririmvyikazi w’umufaransa Lorie yubakiwe afise imyaka 21.

JPEG - 39.5 ko
Stromae na Line Renaud bari kumwe n’ibishushanyo vyabo

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.