Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iciza c’ukwambara amarori hakwambara uturori "Lentilles"? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Iciza c’ukwambara amarori hakwambara uturori "Lentilles"?

Iciza c’ukwambara amarori hakwambara uturori "Lentilles"?

jeudi 7 Munyonyo 2013

Hari uburyo butandukanye bushobora gukorwa mu gukosora amaso mu gihe yarwaye. Muri ubwo buryo, hariho gushirayo imiti mu maso, kwamabara amarori, gushira mu jisho uturori dutoya bita mu gifaransa « lentilles de contact » canke ukubarwa mu gihe urugezo rwo kwurwara rwaduze cane.

Ku buryo bwose busanzwe bukoreshwa mu gukosora amaso, tugiye gushimikira ku buryo bwo kwambara amarori. Mu kiganiro aheruka guha ikinyamakuru IGIHE ku bijanye n’indwara z’amaso, muganga Jean Marie Nimenya, akaba n’umuhinga mu vy’amaso, yariganye ku bijanye n’uburyo bwo gukosora amaso yongera aranatanga umuco k ubijanye no kwambara uturori dutoyi (Lentilles de contact). Avuga ko indwara z’amaso zidafata abantu co kimwe kandi ko n’izo ndwara zitandukanye. Iyo umurwayi yituye umuganga w’amaso, umuganga amwandikira uburyo bwo gukosora amaso bivanye n’ingene basanze amaso yiwe arwaye. Kurwara amaso, ntibisigura kwambara amarori. Kandi no kwambara amarori ntibisigura kuba urwaye amaso. Hari abayarwara, ntibace bambara amarori, kuko amaso barwaye ashobora gukosorwa n’umuti wonyene bashirayo. Hari n’abambara amarori kandi batayarwaye, ari ukugira gusa bashaze.

Ku bwa muganga Jean Marie Nimenya, abantu bari bakwiye kwambara amarori y’amaso, bahanuwe na muganga. Nk’uko twabibonye, bumwe mu buryo bwo gukosora amaso, hariho kwamabara amarori no gushira uturori dutoyi mu jisho. Ku bijanye no gushira uturori mu jisho, muganga Jean Marie Nimenya ahanura abarwayi b’amaso kuhabera magabo kuko ari uburyo butoroshe kandi butabangutse gukoresha. Aho mwoca mwibaza ikoreshwa ry’utwo turori binjiza mu maso uko tumeze, n’abadukoresha abaribo. Ku bisanzwe, nk’uko bikorwa kugira umuntu arinde yambara amarori, vyari bikwiye ko uwipfuje kwambara utwo turori dutoyi abanza kubaza impanuro za muganga kugira amubwire uburyo akwiye kubikora mu kudukoresha.

Muti none hoba hari itandukanirizo ryo kwambara amarori asanzwe no gushira mu jisho uturori dutoyi (lentilles de contact)? Kurivyo, nk’umuhinga mu vy’amaso, Jean Marie Nimenya yaragize ico abiyagako. Agira ati : kwambara amarori y’ibiyo nk’uko abenshi babivuga canke guhitamwo uturori two mu maso, bivana na nyene kurwara amaso kuko vyose bikosora amaso co kimwe kandi ko n’abayambara bose babona co kimwe bivanye n’ingene barwaye. Ariko, ku buryo, gukoresha uturori dutoyi mu maso bifise ingaruka zitari nke, kuko bisaba kugira imyitwaraririko myinshi mu kugira umuntu ayambare. Nk’akarero, kubakoresha ubwo buryo, bategerezwa kwama basa neza mu ntoke igihe cose, imbere yo kwikora mu maso, atari uturori tw’igihe kirekire, kirazira kuturarana, canke gupfa ivyo umuntu asize ku maso. Niyo umuntu atwambaye umwanya muremure, hari abavuga ko tubabaza. Mu gihe abambara amarori bo izo ngorane zose batazigira kuko bo bashobora kwambara amarori batarinze kugira imyitwarariko irenze.

Inamahoro Francine, numwe mubambara uturori mu maso (Lentilles de contact), kuri we avuga ko n’ubwo bimusaba kugira imyitwariro myinshi mu kwambara utwo turori mu maso, biramufasha kutaguma ukura yongera yambara buri mwanya amarori kuko ayagumana iminsi atarayakura. Eka mbere niyo ashatse kwambara n’amarori y’izuba biramworohera. “Kwambara uturori mu maso, binsumbira kwambara amarori y’ibiyo, kuko utwo turori dutuma amaso yanje aboneka, n’utwo nisize kumaso tukaboneka”. Nayo kubambara amarori, bavuga ko aribwo buryo babona bworoshe, haba mukuyaronka canke mu kuyakoresha. Ikindi naco, bibatuma kwirinda kurwara gusumba kwinjiza ututori mu maso kuko hoho, iyo umuntu atwambaye atakaravye, hashobora kwinjiza imigera mu maso.

Abahinga mu vy’amaso bahanura ko abakoresha uturori mu maso, ko batokwigera baturarana mu gihe batoba bafise uturori twagenewe kurarana canke kumarana iminsi batadukuyeko , atari uko, imbonero ry’ijisho rishobora kwononekara ningonga.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.